IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Mu gisagara n’ubu biyunguruza ku makinga

Gitega : Mu gisagara n’ubu biyunguruza ku makinga

samedi 1er Ruheshi 2013

Mu ntara ya Gitega uburyo bwo kwiyunguruza cane cane mu gisagara ca Gitega ntibworoshe, kuko kwiyunguruza mu modoka zitwara abantu benshi arizo benshi bita amabisi zidakora kuva kera, bigatuma ingorane zitari nke zibonekeza ku bantu batandukanye, haba abaja ku kazi, ku mashure, gusenga n’ahandi.

Igihe igisagara ca Gitega cahimbaza imyaka ijana kimaze, abanyagihugu bo muri iyo ntara ntakindi basaba cane atari uko botunganya busha ico gisagara ndetse cigeze kuba n’umurwa mukuru w’Uburundi ku ntwaro ya cami, basaba ko ico gisagara cobona mw’ijoro, abanyagihugu bakagira uburyo bwo kwiyunguruza, ndetse bagashobora n’ukuronka za kaminuza zigenga zitandukanye.

Ariko rero kuvyasabwe ico gihe hariho ibimaze gukorwa nka kaminuza iriko irubakwa ndetse igeze ku ntambwe ishimishije kuko vuba ibikorwa vyo kuyubaka bizorangira.
Ariko rero ikijanye n’ukwiyunguruza n’ubu kiracagoranye, kuko abanyagihugu bo mu gisagara ca Gitega bafata amakinga iyo bariko bava mw’ikaratiye baja mu yindi canke abaja ku kuazi, abaja ku mashure n’ahandi. Abo vyorohera bakaba ari abagize Imana bakaronka amafaranga yo kugura umuduga canke abafise imiduga y’akazi.

Abo banyagihugu rero bakamenyesha ko amasanganya adasiba kuba kubera kuko abanyagihugu biyunguruza ku makinga, abayatwara nabo benshi akaba atamategeko y’amabarabara bazi. Abandi batoroherwa n’abaja kuharangurira imirimo bavuye mu gisagara ca Bujumbura kuko benshi usanga batazi ku gendera kuri mwenayo makinga, ndetse nk’abakenyezi bobo usanga ari ingorane.

Abanyagitega rero basaba ko Leta, abagwizatunga bo muri iyo ntara hamwe n’abandi nk’abatowe muri iyo ntara, incuti n’abagenzi ko bofasha kugira uburyo bwo kwiyunguruza mu gisagara ca Gitega bworohe, bimere nko mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.