IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gitega : Umwavu si ikirenga mu gice ca mbere c’irima ry’2015

Gitega : Umwavu si ikirenga mu gice ca mbere c’irima ry’2015

lundi 10 Munyonyo 2014

Uburimyi mu ntara ya Gitega ntibwifashe nabi, na cane cane ko umwavu wahawe abarimyi ku gihe, nk’uko bivugwa na Hélménegilde Manyange, arongoye intara y’uburimyi n’ubworozi mu ntara.

Umuyobozi w’uburimyi akaba avuga ko muri iyo ntara ya Gitega, uwugiye mw’isoko ahasanga ivyashowe biri mu bwoko bwose, bikaboneka ko umwimbu utifashe nabi muri iyo ntara. Amenyesha ko mu gihe c’irima ca mbere aho usanga ibiterwa nk’ibigori ari vyo vyarimwe ku bwinshi, canke igice c’irima rya kabiri aho usanga imyumbati iza ubwa mbere, vyose vyagenze neza.

Manyange akamenyesha ko abarimyi bariko baritegurira igice ca mbere c’irima ry’umwaka w’2015, ariko hakaba hari ingorane z’umwavu, aho amatoni ibihumbi 3 iyo ntara irindiriye ari make cane, bakipfuza ko abazobazanira umwavu, boheza bakabasaba n’uwundi, kugira abanyagihugu bashobore gukwiza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.