Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
GIZ: Abapolisi b’abarundi bari mu nyigisho mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > GIZ: Abapolisi b’abarundi bari mu nyigisho mu Rwanda

GIZ: Abapolisi b’abarundi bari mu nyigisho mu Rwanda

dimanche 16 Ruheshi 2013

Abapolisi b’abarundi babandanya guhabwa inyigisho zibafasha kurangura neza ibikorwa vyabo bisunze akarangamutima k’urwo rwego ari naco gituma bizewe bakarungikwa mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika vyo guhagararira amahoro mu bihugu vya Côte d’Ivoire, Tchad, Soudan na Haïti.

Abapolisi b’abarundi bagera ku majana abiri (200) nibo bariko barahabwa inyigisho z’amezi ane, inyigisho zibafasha kwungura ubumenyi bitegurira kuzorungikwa mu makungu guhagararira amahoro.

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane, mu kigo c’i Gishari ( Rwamagana) mu gihugu c’Urwanda, niho abo bapolisi b’Uburundi bari kumwe n’abo mu Rwanda bariko barakurikiranira izo nyigisho z’intango imbere yo kurungikwa mu makungu.

Izo nyigisho ziriko zihabwa abapolisi b’abarundi n’abanyarwanda zinjira mu mugambi w’umwumvikano wo gukorera hamwe hagati y’Urwanda n’Uburundi, ukaba ufashwe mu mugongo n’igihugu c’ubudagi biciye mw’ishirahamwe GIZ.
Igihugu c’ubudagi cipfuza, biciye muri uwo mugambi wa GIZ gukomeza ubumenyi mu nzego z’igipolisi muri Afrika. Uburundi n’Urwanda bakaba batanguye gukorana na GIZ muri uwo mugambi kuva mu mwaka w’2008.

Mu kiringo ca kabiri muri uwo mugambi, Uburundi bwihaye ihangiro yo gutegura igipolisi cizewe, cemewe kandi cegereye abanyagihugu.
Inyuma y’izo nyigisho, abazikurikiranye bazoshobora kurungikwa mu bihugu bibakeneye nka Somaliya n’ahandi, aho bazoba bagiye gucungera umutekano waba uw’inzego za Somaliya canke uw’abanyagihugu b’impunzi z’abanyasomaliya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.