Accueil > Amakuru > u Burundi > GIZ: Abapolisi b’abarundi bari mu nyigisho mu Rwanda
GIZ: Abapolisi b’abarundi bari mu nyigisho mu Rwanda
dimanche 16 Ruheshi 2013
Abapolisi b’abarundi babandanya guhabwa inyigisho zibafasha kurangura neza ibikorwa vyabo bisunze akarangamutima k’urwo rwego ari naco gituma bizewe bakarungikwa mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika vyo guhagararira amahoro mu bihugu vya Côte d’Ivoire, Tchad, Soudan na Haïti.
Abapolisi b’abarundi bagera ku majana abiri (200) nibo bariko barahabwa inyigisho z’amezi ane, inyigisho zibafasha kwungura ubumenyi bitegurira kuzorungikwa mu makungu guhagararira amahoro.
Kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane, mu kigo c’i Gishari ( Rwamagana) mu gihugu c’Urwanda, niho abo bapolisi b’Uburundi bari kumwe n’abo mu Rwanda bariko barakurikiranira izo nyigisho z’intango imbere yo kurungikwa mu makungu.
Izo nyigisho ziriko zihabwa abapolisi b’abarundi n’abanyarwanda zinjira mu mugambi w’umwumvikano wo gukorera hamwe hagati y’Urwanda n’Uburundi, ukaba ufashwe mu mugongo n’igihugu c’ubudagi biciye mw’ishirahamwe GIZ.
Igihugu c’ubudagi cipfuza, biciye muri uwo mugambi wa GIZ gukomeza ubumenyi mu nzego z’igipolisi muri Afrika. Uburundi n’Urwanda bakaba batanguye gukorana na GIZ muri uwo mugambi kuva mu mwaka w’2008.
Mu kiringo ca kabiri muri uwo mugambi, Uburundi bwihaye ihangiro yo gutegura igipolisi cizewe, cemewe kandi cegereye abanyagihugu.
Inyuma y’izo nyigisho, abazikurikiranye bazoshobora kurungikwa mu bihugu bibakeneye nka Somaliya n’ahandi, aho bazoba bagiye gucungera umutekano waba uw’inzego za Somaliya canke uw’abanyagihugu b’impunzi z’abanyasomaliya.
Egide Nduwimana