Accueil > Amakuru > u Burundi > Gushingurana iteka Patiri "Buyengero" : Amafoto
Gushingurana iteka Patiri "Buyengero" : Amafoto
jeudi 8 Nzero 2015
Patiri De Cillia Giuseppe "Buyengero" yitavye Imana ahitanwe n’ingwara mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Nzero 2015 mu gihugu c’Ubutariyano i Parme. Ibirori vy’ukumushingurana iteka vyabaye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Nzero 2015, inyuma y’inkuka y’imisa yabereye aho mu Butariyano nyene igihe c’isaha zine z’agatondo (10heures).
Amwe mu mafoto





Messages
8 Nzero 2015, 18:16, par ernest ndayishimiye
Imana imugirire neza kandi imuhe uburuhukire i buryo bwayo hampande ya Yesu Kristo kuko yakoze ibikorwa vyinshi mu Burundi biteza imbere igihugu muri rusangi, tutibagiye n’ibikorwa bindi vyo gusanasana imitima y’abantu. Mana mwakire
8 Nzero 2015, 19:14, par gilbert
Imana imwakire mubwami bwayo
8 Nzero 2015, 23:40, par Nduwimana Eric
Yesu ajane nawe mubwami bwiwe natwe tubandanye dufatanye munda kugira kuri wa musi winzamba tuze tumubone. turahojeje umuryango wiwe tuwubwira bakomeze kwihangana.
9 Nzero 2015, 08:46, par uhuru africa
kuki ibendera y’igihugu c’uburundi yakoreshejwe ngaha?
9 Nzero 2015, 14:38, par Ntacontemanga!
Mbe uhuru africa,ntuzi ko yakoreye mu mugihugu kuva kera,kandi afise ubwene gihugu bwaho!
9 Nzero 2015, 18:16, par NSHIMIRIMANA JEAN-CLAUDE
Oh Imana imwakire mubwami bwayo.hama ndamwibuka ndiko ndakorera Imana mu misa ya mbere kuri paruwasi Kamenge yakunda gusoma imisa ya mbere.rero jew narabaye umukorezi kuri Paruwasi Kamenge imyaka ibiri n’igice yakunda kusanasana imitima y’abantu.IMANA IMWAKIRE.
11 Nzero 2015, 14:43, par J. Eudes
Ko yari yemeye akabatizwa mbere akihebera ubutumwa bwo kurokora benewabo mw’ibanga ry’ubusaserdoti. Mutabare mMukama basangire izuka na Yezu Kristu umwana wawe ukunda cane. Amen
11 Nzero 2015, 19:09, par patient
Najewe ndamwibuse maranaye umukorezeukamenge ndamwibuka yarubarihizaiisaha ntiyaceregwa Imana imuhe iruhuka
1er Ntwarante 2016, 21:36, par savyimana rodric
jewenukuri buyengero ndibukako nkirumgana koyangonzekukuguru agitanga inbonbo kuvaho angongeye ntiyasubiriye gutaninbonbo yaranvuyekubitariwe ndakira none imana imgakire mubiganza vyayo ndisavyimana rodric