IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gutsimbataza ugufashanya hagati y’igihugu c’Uburundi na Amerika

Gutsimbataza ugufashanya hagati y’igihugu c’Uburundi na Amerika

jeudi 31 Nzero 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yarakiriye mu biro iwe uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Dawn Liberi,abo bategetsi babiri baganiriye ku bijanye n’imigenderanire iri hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Hari kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2013,aho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yakira uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 82 ko

Nk’uko Dawn Liberi yabimenyesheje bagenzi bacu bo ku nsamirizi y’igihugu,ngo umubonano wabo wari ushingiye hanini ku bijanye no gutsimbataza ugufashanya hagati y’ivyo bihugu imaze imyaka 50.

Umupfasoni Liberi yaremeje kandi ko Leta zunze ubumwe za Amerika zizobandanya gushigikira u Burundi mu bisata isanzwe ifashamwo u Burundi, harimwo gushigikira abasirikare bagiye mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro muri Somalia.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.