IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagati ya MINUSMA na AMISOM Uburundi bwasabwe gutora kimwe

Hagati ya MINUSMA na AMISOM Uburundi bwasabwe gutora kimwe

lundi 5 Myandagaro 2013

Irungikwa ry’abasirikare b’abarundi mu gihugu ca Mali ryoba riteye umutima uhagaze igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ? Ico ni ikibazo cibazwa mu gihe umukuru wa AFRICOM ( United States Africa Command) general David Rodriguez aherutse kugira urugendo rwiwe mu gihugu c’Uburundi, inyuma yaho havugiwe ku mugaragaro ko Uburundi bugiye kurungika abasirikare gufasha kugarukana amahoro mu gihu ca Mali.

Mu mubonano yagiranye n’abarongoye izego z’igisirikare mu Burundi, David Rodriguez yavuze atarya umunwe ko Leta zunzubumwe z’Amerika zikeneye kumenya intumbero y’abasirikare b’Uburundi muri AMISSOM co kimwe no muri MINUSMA ( Mission Multidimensionnelle Integrée des Nations Unies pur le Mali). Leta zunzubumwe z’Amerika zisanzwe arizo zifasha mu bijanye n’uburyo abasirikare b’Uburundi muri Somaliya, boba badashaka kwumva abarundi muri MINUSMA, isanzwe ifashwe mu mugongo n’igihugu c’Ubufaransa.

Ico kibazo kivutse mu gihe Uburundi bwari bwiteze kurungika abasirikare mu gihugu ca Mali, kandi ndetse bukaba bwari bwiteze kuhakura akoyokwe mu gihe igihugu gisanzwe kiri mu ngorane z’ubutunzi. Abategetsi bo mu Burundi baremeza ko igikorwa cabo ca mbere ari ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, ndetse Uburundi bukaba bwiteze ko buzoshigikirwa n’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika mu kibanza co kurongora AMISOM, mu gihe bisa n’aho ico kibanza kiriko kironderwa n’igihugu ca Kenya gisanzwe gifise naco nyene abasirikare muri ico gihugu.

Ubu rero bivugwa ko Uburundi bwoba buja bwaramaze n’ugutanga izina ry’ uworongora AMISOM ,Uwo nawe ni General Silas Ntigurirwa asanzwe ari umunyamabanga mwishikira mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi. Uburundi rero ni bwo buramukiwe kurongora AMISOM naho igihugu ca Kenya gisa n’igifise akayabagu ko gutwara ico kibanza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.