Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye gukorwa amatohoza ku banyuruje amafaranga y’ishirahamwe (...)
Hagiye gukorwa amatohoza ku banyuruje amafaranga y’ishirahamwe ATRABU
jeudi 22 Myandagaro 2013
Inyuma yaho habereye inama ihuje abatwara ishirahamwe ry’ugutwara ibintu n’abantu ATRABU, muri yo hakavugirwamwo ibitari bike mu bijanye n’ukuduza intererano itangwa n’umunywanyi, mu ntumbero yo kunagura ikigega bavuga ko kigeze aho umwansi ashaka, umukuru mushasha w’iryo shirahamwe yatanze umuco ku bivurwa bitandukanye muri iryo shirahamwe, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE.

Colonel Bakundukize Philippe asanzwe arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko hari amafaranga atari make yazimiye, mu gihe mw’ishirahamwe baziga kuba bafise amafaranga angana imiriyoni 180, ubu bakaba basanze mu kigega c’ishirahamwe amafaranga angana ibihumbi 180 gusa. Avuga ko amaze iminsi mike muri ayo mabanga y’ukurongora ishirahamwe, ariko ko bariko barabikurikirana hagufi, kugira abagirizwa ubunyonyezi bw’amatungo y’ishirahamwe bafatwe, kandi bahanwe.

Amenyesha kandi ko, abatazotanga ayo mafaranga igihumbi bazohanwa n’amategeko na rirya umuduga wose wunguruza abantu mu gisagara ubwirizwa kuyatanga. Ayo mafaranga rero azofasha mu bitari bike. Avuga ko amafaranga amajana atatu, ahabwa mairie ya Bujumbura, mu gihe amafaranga amajana indwi nayo asigaye aba ayishirahamwe. Ayo mafaranga amanjana indwi azofasha mu bijanye n’ukuronsa akazu ka surwumwe n’agatutu ku bunguruza abantu co kimwe no kubanyagihugu barindiriye ikibunguruza, ndetse akazofasha kandi mu bijanye n’ukubaho kw’ishirahamwe.

Aremeza ko igikorwa kikiri kirekire ku bijanye n’ugutunganya ishirahamwe, kuko hari abarongoye ibituro bamwe bamwe usanga baramenyereye kurya amafaranga y’ishirahamwe baba batoje. Abo rero nk’uko Colonel Philippe Bakundukize abivuga bari mu bandi bazofatwa, kuko ushobora gusanga hari ibituro bitari bike biheraniye ishirahamwe amafaranga angana n’ibihumbi amaja atanu canke arenga. Ikindi, n’uko gushika n’ubu imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura itazwi uko ingana, kuko abarongoye ivyo bituro usanga bakwega amaguru mu bijanye n’ugutunganya ico gikorwa.
Yarangije ahanura abafise imiduga ishaje yunguruza abantu, ko mu minsi n’abo nyene amategeko azobafata co kimwe n’abagendesha imiduga baborewe hamwe n’abanywera itabi mu miduga bunguruje abantu. Avuga ko ivyo vyose bizokorwa hisunzwe amategeko, ko ata n’umwe azorenganywa.

Aristide Nizigire