Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Hagiye kubumbwa ishusho ya Stromae
Hagiye kubumbwa ishusho ya Stromae
mercredi 27 Munyonyo 2013
Mu gihugu c’Ububirigi hagiye kwubakwa ishusho(statue) y’umuririmvyi Stromae. Iyo shusho ikaba izoshirwa mu nzu ndangakaranga y’i Grevin. Kizoba ari ikintu gikomeye ca mbere igihugu ciwe kimukoreye.

Nk’uko ikinyamakuru gisohoka ku munsi ku munsi "Le Parisien" kibivuga, iyo nzu ndangakaranga rurangiranwa yo mu gihugu c’Ububirigi «Grevin» yoba yabanje kubaza uwo muririmvyi kugira ntibamushushanye batamusavye uruhusha. Uwo nawe ntiyatevye kwemera.
Iruhande y’ibivugwa n’ico kinyamakuru, n’ubuyobozi bw’iyo nzu ndangakaranga buremeza ko Stromae yemeye kwubakirwa ico gishusho ciwe. Ikitaramenyekana n’igenekerezo ryo kwinjiza ico gishusho kibumvye (statue) c’uwo muririmvyi muri iyo nzu.
Stromae afise myaka 28, azwi cane mu ndirimbo "Alors on danse", "Formidable" canke «Papaoutai », agiye kuba ntibagirwa mu baririmvyi bamenyekanye cane kw’isi. Uwo bivugwa ko se wiwe yava mu gihugu c’Urwanda, akicwa mw’ihonyabwoko ryabaye muri ico gihugu, agiye kuja ku rugero rumwe n’ibihangange mu muziki nka Lady Gaga, Céline Dion na Johhny Hallyday.
NKESHIMANA Chérif