IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Haile Gebreselassie yahagaritse amahiganwa

Haile Gebreselassie yahagaritse amahiganwa

lundi 11 Rusama 2015

Umwirutsi ku birere binini ava mu gihugu ca Etiyopiya Haile Gebreselassie w’imyaka 42 y’amavuko,yaratanganje ko ahagaritse amahiganwa ahejeje kwiruka ibirometero 10 mu gisagara ca Manchester.

Haile Gebreselassie, yamenyesheje ko ahagaritse amahiganwa kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 rusama,ahejeje kwiruka ibirometero 10 mu gisagara ca Manchester mu Bwongereza,atahana ikibanza ca 16.

Yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko kwiruka aribwo buzima bwiwe,rero ngo ntahagaritse kwiruka ahubwo ahagaritse guhiganwa.

Yavuze ko anezerejwe no guhereza muri ico gisagara kuko yari abizi ko ariryo higanwa ryiwe rya nyuma,inyuma y’ayandi atanu yatsindiye mu myaka ya 2005,2009,2010,2011 na 2012.

Gebreselassie,yari yamenyesheje ko agiye guhagarika ivyo guhiganwa mu mwaka w’2010,ariko inyuma y’amezi make yarisubiyeko asubira mu mahiganwa.

Gebreselassie,arakunzwe cane mu gihugu c’amamuko yiwe Etiyopiya,yarabaye umudandaza,akaba kandi aserukira amashirahamwe menshi mpuzamakungu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.