IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Haraboneka ubukene bw’igitoro i Bujumbura

Haraboneka ubukene bw’igitoro i Bujumbura

lundi 8 Ndamukiza 2013

Mu gisagara ca Bujumbura haraboneka ubukene bw’igitoro ku bunywero nka bwose. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2013, henshi bariko batanga igitoro ku bakoresha bon de commande gusa. N’abo bagifise ico gitoro bavuga ko umwanya uwariwo wose gishobora guhera mu bubiko.

Umushikiranganji w’ubudandaji umupfasoni victoire Ndikumana yashikirije ko ico kibazo agikurikiranira hafi. Yamenyesheje ko ahanini vyavuye ku tugorane n’umwe mu bazana igitoro i Bujumbura biciye ku kivuko ca Dar-es-Salam. Yibutsa kandi ko ishirahamwe
Engen ryagize ingorane mu gupakira ibitoro haraheze indwi zibiri.

Amakuru yo kwizerwa ava mu bushikiranganji bw’ubugandaji amenyesha ko ico kibazo gishobora kuba catorewe inyishu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.