IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Haruna Nkunduwiga asaba aba Islamu kwitaba imyiyerekano

Haruna Nkunduwiga asaba aba Islamu kwitaba imyiyerekano

mardi 5 Rusama 2015

Haruna Nkunduwiga arongoye ivy’infatakibanza umuryango w’aba Islamu mu Burundi asaba aba Islamu bose kwifatanya n’abandi mu myiyerekano, yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

JPEG - 69.8 ko
Haruna Nkunduwiga avuga ko arongoye ivy’infatakibanza umuryango w’aba Islamu mu Burundi

Mw’itangazo yasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 rusama, Haruna Nkunduwiga yavuze ko mu muryango w’aba Islamu babazwa n’agacerere k’umukuru w’igihugu, agasaba aba Islamu kwifatanya n’abandi mu kwiyamiriza ko ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha bihonyangwa.

Haruna Nkunduwiga asaba igiporisi kwitandukanya n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD kuko ivyo bicafuza urwego rw’igiporisi cari cizewe n’abanyagihugu bose bo mu mica itandukanye.

Nkunduwiga ahamagarira aba Islamu kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca agatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kandi bakabikora mu mutekano ataco bononye.

Mu kurangiza, uwo avuga ko arongoye ivy’infatakibanza umuryango w’aba Islamu asaba ubushikiranganji bw’amashuri y’intango kwigiza inyuma isango ryo gukorerako ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashuri yisumbuye, kuko hari ibice bitarimwo umutekano.


IGIHE

Messages

  • ASSLM ALAYKUM.URARABA NTUDUTERANYE NA BENE WACU.IKRAM BAYNAL MUSLIM NGO IDUPFEKO.

  • Nimwifatanye Nabandi Nyene Muharanire Agateka Kanyu Namwe!

  • ubwose uwo mukuru waba Islam arashya yarura iki kwari kwivanga mubintu Imana itemera ubundi ntamukuru widini ukwiye kujya mubya polotike gusa Mana fasha abavukanyi baba Rundi

  • Ehee Amadi Islam Ariko Reka Nsubire Nsome <Umuryango Wabaislam -harunankunduwiga. Aaaa Abo Kwa Sadiki Kajandi Barihe Nirya Shami Biratangaje Aho Amadini Yahora Yizerwa Ko Yoja Hagati Niyaterur,ambere Gotolika,islam Contre -.?

  • uwo nageyo wenyene n’abana n’umugore be twebwe atureke atanyungu nimwe bidufitiye.

  • Ariko mengo asanuwuvanze amasaka namasakaramento, nagira baryanyene barimwobarabara bava mumadini atandukanye niryodiniryiwe ririnwo, mbentaziko yigisha ijambory’Imana?

  • N’ukuri nivyiza KO uyo Haruna nkunduwiga imbere yuk yiyita KO aserukira Ubu islam n’umuryango yobanza akiga idini akarimeny cnk akabaza aba sheikh kimwe gusa Ubu islam bivuy mû rurim rw’icarabu assalam nayo ni amahoro abaislam rero twategerezw kuba abanyamahoro iry bararabar aturungikamw si umusigiti wugay cnk ishure ry’idini natware atamena KD arazi neza KO atarongoy oumma .nabanyamakuru murabizi ntiwotwar abantu hagez ama declarations

  • Haaaah! umuntu yiyita kw’afasha imitima y’abo arongoye ahamagariye abntu kwitwaza ibirwanisho! Abarongozi nkabo ni abafarizayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.