IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hatanguye amatora mu gihugu cose y’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego (...)

Hatanguye amatora mu gihugu cose y’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Ihuriro ry’abakenyezi ritegekanijwe n’ingingo y’umukuru w’igihugu. Ubushikiranganji bw’abakenyezi n’ugufatanamnda bumenyesha ko ari ihuriro rizoserukira abakenyezi bose kugira ngo baronke aho bashikiririza ivyiyumviro. Amashirahamwe yandi y’abakenyezi yisokoye mumugwi utegura ayo matora kuko ngo iryo huriro ryahawe intumbero ya politike.

Amatora y’ihuriro ry’abakenyezi yabaye mu gihugu cose ku mitumka kuri uyu wa mbere. hatorwa abakenyezi 15 ku mutumba wose, italike 27 uku kwezi abo bakenyezi 15 bazoba batowe ku mitumba yose bazoca bakorana batore abandi 5 ku rwego rwa komine, italike 1 ukwezi kwa Ntwarante naho abo 5 baserukira amakomine bazoca bitorera abandi bakenyezi 5 ku rweo rw’intara. Mu nyuma, abo 5 ku ntara iyari yose bazoca bahurira hamwe batore uwuserukira ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu.

Umukenyezi Josiane Nijimbere,umuyobozi mu bushikiranganji bw’abakenyezi no gufatana munda, ari we mbere arongoye umugwi wateguye amatora ku rwego rw’igihugu yamenyesheje ko iryo huriro ari nginrakamaro.

Yavuze ko iryo huriro arifise intumbero yo guteza imbere abakenyezi n’abigeme mu Burundi. Ngo iryo huriro rizoba riejwe kumviriza no kwegeranya ivyiyumviro vy’abakenyezi n’abigeme. Ngo n’akaryo kandi ko kuronsa abakenyezi n’abigeme kugira baje baravuga imigambi y’iterambere ryabo.

Ikindi naco ngo n’uko iryo huriro rizotuma ivyiyumviro vyose biteza imbere agateka k’abakenyezi. Ngo urwo rwego ruzofasha kandi kugira abafasha u Burundi mu gisata c’abakenyezi kugira baronke aho bacisha uburyo kandi bushikire abo bwagenewe.

Naho biri uko, abanyagihugu bavuga ko amatora atatunganijwe neza kandi ko hariko hashirwa imbere ivya politike kugira n’abazotorwa bazohengamire ku migambwe mu bikorwa vyabo.

Mu ntara zitandukanye nka Bururi, Gitega, Muyinga, Cibitoke na Bubanza bagenzi bacu bariyo bamenyesha ko amatora atitabwe n’abakenyezi benshi kuko ngo ntavyo bamenye. Ikindi naco cibonekeje n’uko abakenyezi batahimirijwe bikwiye kugira bamenye ingene bitoza bakongera bagatora. Ahandi naho abakenyezi ntibitoje.

Aho hose muri izo ntara, amatora ngo yaranzwe n’utunenge kuko atahimirizwa rikwiye ryabaye uretse ko mu ntara zimwe zimwe vyavugiye mw’isengero kuri uyu wa mungu 24 Ruhuhuma 2013. Icibonekeje n’uko ngo abakenyezi bahurikiye mu migambwe aribo bari babikazemwo cane cane abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Umupfasoni Josiane Nijimbere arongoye umugwi wateguye amatora y’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu yabibeshuje. Yamenyesheje ko umukenyezi uwari wese yitoza ku giti ciwe hatarabwe umugambwe, idini, ibitsina, intara n’ibindi. Ariko ngo ntibitangaje ko abazotorwa uzosanga bari mu migambwe n’amashirahamwe yigenga kuko umwe wese afise uburenganzira bwo kuba aho ashatse mu bwigenge bw’ivyiyumviro vyiwe. Igikuru ngo n’uko iryo huriro ata mugambwe rizoba ryegamiye.

Hari hasanzwe hariho urunani rw’abakenyezi CAFOB ruhuza amashirahamwe yose y’abakenyezi. Urwo runani CAFOB ngo rwari rwatumiwe mw’itegurwa ry’amatora y’iryo huriro ry’abakenyezi. Ariko rero, urwo runani CAFOB akarenge mw’itunganywa ry’amatora y’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu.

Soline Rubuka, umuvugizi w’urunani CAFOB amenyesha ivyerekeye iryo huriro vyanyegejwe kandi bifise intumbero ya politike kugira abakenyezi bose bazotorwa bahengamire ku mugambwe uri ku butegetsi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.