Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hatanguye imyimenyerezo ku basirikare bo mu karere ka Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hatanguye imyimenyerezo ku basirikare bo mu karere ka Afrika (...)

Hatanguye imyimenyerezo ku basirikare bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko

vendredi 18 Gitugutu 2013

Kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2013 gushika kuwa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu 2013, mu Burundi hazobera inyigisho za gisirikare z’abasoda bavuye mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Izo nyigisho n’imyimenyerezo zatangura mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu zizohuza intwazangabo zivuye mu bihugu bitanu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko : Burundi, Rwanda, Tanzanie, Ouganda, Kenya.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko ibikorwa bijanye n’izo nyigisho zizomara iminsi indwi bizobera mw’ikambi iri ku Muzinda, mu ntara ya Bubanza.

JPEG - 108.1 ko
Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha kandi ko ivyo bikorwa vyatanguye kuri uywu wa gatanu bifise bijanye no guhanahana ubumenyi hagati y’intwazangabo zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, kugira bashobore kugira intumbero imwe mu kubungabunga, n’ugutsimbataza amahoro mu karere ka Afrika y’ubuseruko ivyo bihugu uko ari bitanu bisanzwe bihurikiyemwo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.