Accueil > Amakuru > u Burundi > Hatanguye imyimenyerezo ku basirikare bo mu karere ka Afrika (...)
Hatanguye imyimenyerezo ku basirikare bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko
vendredi 18 Gitugutu 2013
Kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2013 gushika kuwa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu 2013, mu Burundi hazobera inyigisho za gisirikare z’abasoda bavuye mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko.
Izo nyigisho n’imyimenyerezo zatangura mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu zizohuza intwazangabo zivuye mu bihugu bitanu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko : Burundi, Rwanda, Tanzanie, Ouganda, Kenya.
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko ibikorwa bijanye n’izo nyigisho zizomara iminsi indwi bizobera mw’ikambi iri ku Muzinda, mu ntara ya Bubanza.
- Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi
Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha kandi ko ivyo bikorwa vyatanguye kuri uywu wa gatanu bifise bijanye no guhanahana ubumenyi hagati y’intwazangabo zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, kugira bashobore kugira intumbero imwe mu kubungabunga, n’ugutsimbataza amahoro mu karere ka Afrika y’ubuseruko ivyo bihugu uko ari bitanu bisanzwe bihurikiyemwo.
Egide Nduwimana
Messages
21 Gitugutu 2013, 02:23, par venant
marihenze Gaspard Baratuza ni umuvugizi w igisirikare.