Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR imenyesha ko abarundi ibihumbi 74 aribo bahunze
HCR imenyesha ko abarundi ibihumbi 74 aribo bahunze
jeudi 28 Rusama 2015
Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko abarundi 74.000 aribo bamaze guhunga,mu gihe ubwa mbere iryo shirahamwe ryiyumvira ko hahunze abashika 100.000.
Ico gitigiri ni impunzi z’abarundi bahungiye mu bihugu vya Tanzania, Urwanda na Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Kubwo umuvugizi wa HCR i Geneve Karin de Gruijl avuga ko icatumye ico gitigiri kigabanuka ari uko basanze igitigiri c’abamaze guhungira muri Tanzania kitangana uko bari bavyibajije.
Karin de Gruijl yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko igihe havugwa ibihumbi n’ibihumbi vy’abarundi bashikiye i Kagunga. Kuw’Imana HCR yarashoboye kubajana mw’ikabi bose ica isanga ni impunzi 35.000.
Umuvugizi wa HCR avuga ko amakuru bafise ari uko hari abarundi bakibandanya guhunga ariko ku rugero ruto ugereranije n’iminsi iheze,kuko ubu abahuntga bangana n’ijana ku munsi kuko bavuga ko ubu bisigaye bigoye kurengana urubibe.
Abahunga bavuga ko bafise ubwoba kubera imyiyerekano ibera ku murwa mukuru i Bujumbura bakibaza ko ibintu bishobora kuba nabi gusumba.
Ku bijanye n’uko hari abarundi bamaze guhunguka,umuvugizi wa HCR Karin de Gruijl avuga ko amaze kuvyumva ariko ko ata gitigiri ashobora gutanga.Avuga ko ibiro vya HCR mu Burundi vyamaze kurungika intumwa zija kubitohoza.
Abantu batanguye guhunga Uburundi mu mpera z’ukwezi kwa kane ku makenga ko umutekano ushobora guhungabana mu gihe c’amatora.
Messages
28 Rusama 2015, 12:15, par mutabazi
Barabeshya abazungu. Tekereza uko birwaga babeshya ngo muri Tanzaniya honyine hari impunzi 100.000? None ngo ni 35.000. Ejo bazaba bavuga 10.000
28 Rusama 2015, 12:57, par R-fro
None Bobo Bavuga Ibnt Badatohoje?Ntiwumvakobari Baduciy Umutima Kabantu Baheze!Ubuhobzovugkobahunguts Bose.
28 Rusama 2015, 12:58, par R-fro
None Bobo Bavuga Ibnt Badatohoje?Ntiwumvakobari Baduciy Umutima Kabantu Baheze!Ubuhobzovugkobahunguts Bose.
28 Rusama 2015, 15:39, par Uwubizi
@ Interahamwe Mutabazi
Ibihumbi Ijana vyavugwa ku mpunzi zose et non Tanzania gusa. Kandi vyotunezera hamwe ata mpunzi n´imwe yoba ikivugwa. Gusa nyene ikibazo si abavuga ivy´impunzi nke canke nyinshi, ikibazo ni igitera abantu guhunga. Peter ni atange amahoro mu guheba iyo mandat ata n´ico yomarira abarundi. Ari ugukina agapira gusa no kugira ibikorane vyo kubesha ngo asenga Imana vyo yobandanya abikora ari sénateur.
28 Rusama 2015, 22:10, par Aloys Niyonsaba
Mbe Ko Havugwa Impunzi Zihungira Muri Tanzania Gusa, Ntibaramenya Ko Na Uganda Hariko Hahungira Izindi Mpunzi Kandi Nyishi Zirenze
28 Rusama 2015, 23:04, par mutabazi
Wowe wiyita Uwibizi. Kunyita interahamwe ni uburenganzira bwawe. None ninde utazi ko ba Maraya atibo bahunga none bakaba baraje kutwikisha umugera mu Rwanda. Buriya wasangamo bashiki bawe mwarabohereje kwicisha abahutu bo mu Rwanda Sida dore abatutsi ntacyo mudashoboye. None se wa mburaragasani y’umusongareri Peter ko yabahaye byose murashaka iki??? Muranze mubaye ba Gahini. Icyo nzi cyo uri ikigoryo,icyomanzi kandi ukaba inkoramaraso yigize umuntu. Uri ingunzu ukaba n’icyomanzi
8 Gitugutu 2015, 21:13, par Ndayishimiye Jean
Twebwabarundi Turiphuzako Impunzi Zabarundi Zatahuka Bakareka Kuguma Bicwaningwara Hiyomuri Tanzania Noneseko Ibihuguvyose Birarira Kubera3me Manda Tanzania Nibatora Bazocabajahehe?Ahaaa Twesetwaratimbye.