IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HRW,ICG,FIDH na Amnesty International asaba ONU kurungika abakora amatohoza (...)

HRW,ICG,FIDH na Amnesty International asaba ONU kurungika abakora amatohoza mu Burundi

jeudi 17 Nyakanga 2015

Amashirahamwe 4 yishinze gukingira agateka ka zina muntu ku rwego mpuzamakungu asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika umurwi w’abahinga bokora amatohoza ku mabi ariko abera mu Burundi.

Ayo mashirahamwe ni Human Rigth Watch(HRW),International Crisis Group (ICG),Amnesty International na Federation Internationale des Droits de l’Homme (FIDH),yashikanye ibirego imbere y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga 2015.

Ayo mashirahamwe, yituye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,iyugarwa ry’amaradiyo yigenga,ubwicanyi,ihagarikwa ry’abantu,ihohoterwa,itorwa ry’ibiziga mu gisagara ca Bujumbura n’ibindi.

HRW,ICG,Amnesty International na FIDH abicishije ku mushakashatsi w’ishirahamwe HRW Carina TERTSAKIAN ,asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ico rikoze mu maguru masha,ryongere rifate ingingo zotuma ubugizi bwa nabi buhagarara mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo nivyo ndabishigikiye à100%,nihabe amatohoza yigenga arimwo abarundi n,abanyamahanga,bamwe basaba interpol bazoyemere turabe.ariko je doute fort de la part des dites autorites.

  • Ahubwo ni banyarutse ibara ritaragwa kuko amazi yarenze inkombe. Nayo ahandi hoho ni yo ONU izohava ifatwa nk’igikanganyoni mu bindi kabisa.

  • nimuvuge turabeko tworoka agahegwe twarushe nubwicanyi bwamisi yose turuhuke kwama tujaguphuba imisiyose

  • Mwari murindiriye iki? Niho mukibibona namwe mwashaje kweli munyare iyo ntumva ni peter.

  • Abapanga kugira ubwicanyibube bibera mwivyobihugu vyibihangange, mazebabona abobatunye kwica bararambitse hasi abantu kubera biberahafi yivyovyicaro vyayomashirahamwe bakacabaza kubabwirango nimutabaranye ibintu Burundi bigeze ahumwansi ashaka! Urumvanyene mubihuguvyose iyohagize umuntuyicwa hategerezwa kubaho abatohoza yokurondeza abababakoze ivyobara mu Burundi mwebwe mubonako kizira gukora amatohoza kuko amatohozakeshi ntiyijana harabaho abafatwa bivanyenivyo babiketseko nyumabafashwe nicaha bagahanwa batafatwanicaha bakavirwa abera. Ivyomurimwo twamaze kubimenya mumisimike rekabibatekurukane.

  • We sha Scatt, uravugango nibanyare umukuru wigihugu ntanisoni! Urabona ukuntu mugumanwicabantu urutavanyako mwibazako natwe tutazikwica arikokubera turiho kugira abarundi babeho atawubaryurwara ntidushobora gukora ayomabi, arikorero mwanawadata nkubu ivyowavuze ngonibanyare umukuruwigihugu babikize bigajunda twobereka kobihenze tukaba abantubabi nokubasumvya kugezanaho babonako gucinyiza umurwiwabantubeshi ugaahigikira umurwi urimwo abantubakeya kandibabanyabinyoma arukwihenda.

  • mwobamukoze kuko onu noyigereranya numuganga ubonabogabanya igihwa abanwerabapita kikarekakuguma gihanda abenegihugu kubonamuburundi atamuntu akora ivyiwekandireta idatangakazicanke igabanye ingoranekubajene ahubwo ngiranimana ntibibona ,onu nahoyirengagiza abarikobarapfa hejuruyitama ryubutegetsi imana ibabashirekumutwewabayiro ngoye ayomashirahamwe abivuga arihanzeharakantu uje muburundi

  • I don’t understand why the UN is silent and doesn’t seem to care about human rights abuse and atrocities in Burundi. Burundian population is tired of the UN inaction, they are tired of international community endless speeches. We want concrete actions. The UN keeps turning it’s ear to the cries of the whole nation, and tomorrow will "cry" with pretend to cry with us just as they did in Rwanda after the 1994 genocide. The UN should review it’s mandate.

  • Ahubwo amashirahamwe ajejwe agaeka ka zinamuntu yari yaratevye kugira ico avuze kuri ubwo bwicanyi bwa nkurunziza. Reka rero turabe ico ONU imaze apana kuza kwivugisha ngo irateye ivyatsi ubwo butegetsi abantu baraheze

  • Niyumvira ko bikenewe cane!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.