IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere itegekanya imigambi myinshi ku (...)

Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere itegekanya imigambi myinshi ku Burundi

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere yarumanije imyaka mirongo itanu ikorera mu Burundi. Nk’uko abiyirongoye babimenyesha, ni akaryo ko kurabira hamwe ivyakozwe muri iyo myaka, hamwe n’ugutunganya imigambi mishasha y’iterambere rya Afrika.

Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere rya Afrika (BAD : Banque Africaine de Développement) yatanguye gukorera mu Burundi kuva ku genekerezo rya 10 Nyakanga 1964 yakwije imyaka mirongo itanu. Muri ico kiringo, naho inyuma y’ukwikukira kw’ibihugu vyinshi vyo muri Afrika hakurikiye intambara, ibikorwa vy’iterambere rya Afrika vyabandanije kurangurwa naho bitari vyoroshe. Bimwe muri ivyo bikorwa vyashitsweko mu Burundi, twobamenyesha nk’ukwubaka amabarabara, hamwe n’ugushigikira imigambi y’iterambere ry’abanyagihugu mu bijanye n’ukurwanya ubukene.

Uwuserukira mu Burundi umukuru wa banki ya Afrika ijejwe iterambere rya Afrika amenyesha ko mu myaka yindi mirongo itanu iri imbere bafise ihangiro ry’uguhindura Afrika ikamera nk’uko abanyafrika nyene bayipfuza mw’iterambere. Imigambi mikuru mikuru izoshimikirwako akaba ari ukwubaka ku buryo bwa kijambere, gukomeza isoko rusangi kugira Afrika ishobore gukorera hamwe muvy’ubutunzi, uguteza imbere abikorera ivyabo, hamwe n’ugushigikira ibihugu bikenye n’ibikiva mu ntambara.

Yohani Ndikumwami, umuhinga wo muri banki ya Afrika ijejwe iterambere yamenyesheje mu birori vyo kwigina iyo myaka mirongo itanu, ko igihugu c’Uburundi kidashobora gutera imbere mu gihe igisata c’umuyagankuba n’amabarabara bidatejwe imbere, ari naco gituma ivyo bisata biri mubizokwitabwaho ku rugero rukomeye. Muri ukwo guteza imbere ugutwara abantu n’ibintu, muri banki ya Afrika ijejwe iterambere bavuga ba bategekanya kwubaka n’ibarabara ry’indarayi (chemin de fer) rizova mu gisagara ca Dar Es Salaam gushika mu ntara ya Gitega, i Musongati ahasanzwe hari ubutare. Mukamenya ko kugira ugukorana kubandanye neza, abategetsi b’igihugu c’Uburundi basabwa kwama barangura imigambi bahawe ku mwanya kandi ku mugaragaro.

JPEG - 2.1 Mo
Yohani Ndikumwami, umuhinga wo muri banki ya Afrika ijejwe iterambere

Ibanki ya Afrika ijejwe itarambere rya Afrika irategekanya kandi gushigikira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abamenyeshamakuru, bakaba bazoshobora gufatwa mu mugongo mu migambi yabo, hamwe n’ukubaronsa inyigisho.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nagomba nisabire abobose babifitiye ubushobozi mugerageze uburyobushoboka bwose mugarukire ahantunkunzekwumva hitwa Kobero muri Muyinga mukuharosa amatara namazi mumagurumashasha nubwontahazi harihabavugako arihohari ikivuko kigirakabiri gicamwo ibintuvyishi mubivahanze yuburundi, bikaba rerokoko arikivuko cakabiri mukwinjiza ibintuvyishi mugihugu, ndabemereyeko habayeho urwangara rukomeye nokutitaho gukubura imbereyumuryango winzubamwo kandi ariho ucaburimusi kandukongera ukahacisha ivyizavyose utwaramunzu, ubundi mwarimukwiye kuhakurikirana kumwanya kumwanya kukoni Bujumbura yakabiri, ndabasavye nimugerageze ukomushoboyekwo mugire icomukoze canke muturemeshe mutubwireko hobahariho umugambi muhafitiye muzobamukoze ubugirakandi. Murakoze kunyumviriza nzonezerwakurusha ahonzokwumvira harico mwahakoreye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.