Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibarabara RN3 rigeze aho umwansi ashaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara RN3 rigeze aho umwansi ashaka

Ibarabara RN3 rigeze aho umwansi ashaka

mercredi 4 Nyakanga 2013

Ibarabara RN3 riva i Bujumbura rija i Bururi mu Bumanuko bw’igihugu, rigeze aho umwansi ashaka mu gihe iryo barabara rimaze imyaka icumi gusa rikozwe. Imodokari ziricamwo nizo zihagirira ingorane, mu gihe abazigendesha badashobora kugenda uko bavyipfuza bivanwe n’ukuntu ryononekaye.

Uvuye mu gisagara ca Bujumbura ugana igisagara ca Rumonge kiri muri iyo ntara ya Bururi, wokwibaza ko uza kuhagira umwanya muto, ariko ushitse mu Magara hafi y’ibarabara rija i Mutumba kw’iparuwasi, uca ubona ubushasha bw’iryo barabara. Ibinogo aha na hariya, ku buryo umuntu ataryitwayemwo neza agashaka ku genda anyaruka, yokwisanga be n’umuduga wiwe mu kiyaga ca Tanganyika. Ingorane rero ni nyinshi ku banyagihugu baricamwo, mu gihe bariha amafaranga menshi iyo bari mu miduga yunguruza abantu, ndetse n’ibintu baba bapakiyemwo ugasanga babirihiye amafaranga menshi, mu gihe ba nyene imiduga bavuga ko imodokari zabo zipfa ku mwanya ku mwanya.

Iryo barabara rero hamwe ritosanurwa ryokwica vyinshi na rirya rifitiye akamaro kanini igihugu, ku ngenzi zija gutembera haba ku mashuha, source du Nil, n’ahandi hari ibibanza vy’iratiro muri iyo ntara. Muri iyi minsi nyene, abarwiza tunga bakaba barubatse amazu y’ingenzi ateye igomwe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, muri komine ya Rumonge.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.