IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara Rumonge - Nyanza Lac ntirihita

Ibarabara Rumonge - Nyanza Lac ntirihita

jeudi 13 Ntwarante 2014

Ibarabara Rumonge – Nyanza Lac ryugawe guhera ku munsi w’ejo ku wa gatatu, igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka w’2014, mu ntumbero yo gukinga impanuka, mu gihe rigomba kumanyuka.

Ibarabara Bujumbura – Nyanza Lac ryugaye guhera kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Ntwarante. Iry barabara ryugaye guhera ku kiraro cahitwa Busebwa muri zone Gatete, muri komine Rumonge, iri mu ntara ya Bururi.

Iyo ngingo yafashwe na musitanteri wa komine Rumonge, hamwe n’igiporisi mu ntumbero yo gukinga impanuka.
Abasanzwe bakoresha iryo barabara bategerezwa guhindukira, bagaca ahitwa i Murago, ibirometero 6. Abo barikoresha basaba ko ryosubirwamwo, kugira ribandanye ribapfunyiriza urugendo.

Tubibutse ko ibarabara Bujumbura – Rumonge ryaramaze ikiringo kirenga iminsi indwi ridakora, kuko umusozi wari waguye mw’ibarabara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.