IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibibanza abagabo bakunda kujamwo iyo bashaka kurenga ibigo

Ibibanza abagabo bakunda kujamwo iyo bashaka kurenga ibigo

mardi 25 Ruheshi 2013

Hirya no hino kw’isi, hakunze kuvugwa abagabo baca inyuma abo bubakanye, ugasanga abagore bamwe bagira ikibazo co kumenya neza ahantu abo bagabo babo babikorera.
Urubuga ngurukana bumenyi www.draguesbonlieux.com ruradufasha kumenya hamwe muri aho hantu abagabo bakunda gukoresha iyo bashatse guca inyuma abo bubakanye.

1. Mu biro : Abagabo benshi batinya gusohokana n’ abagore canke abakobwa bandi batubakanye, kugira ngo abagore babo canke uwundi muntu wo mu muryango ntabafate, bagahitamwo gukorera imibonano mpuzabitsina mu biro bakoreramo akazi ka buri munsi, na cane cane ko benshi muri bo baba bakorera ahantu heza rimwe na rimwe haruta no mu vyumba vyabo.
Ubushakashatsi bwakozwe mu mwaka w’2000 bwagaragaje ko abagabo 37% bari hagati y’ imyaka 25 na 45, iyo bariko baca inyuma abagore babo badashobora kurenga ibiro vyabo.

2. Mu bugeni : Mu gihe c’ubugeni, abagabo benshi baba bafise gahunda yo kuza guca abagore babo inyuma cane iyo ari ubugeni bose (umugabo n’umugore) baba bafise ibikorwa bashizwe ngo bakore kuko baba batari kumwe umwanya munini, umugabo ashobora kuronka akanya ko guca inyuma umugore wiwe.
Mu bushakashatsi bwakozwe, hari n’ ukundi kuntu bishoboka kugira umugabo ace inyuma umugore wiwe mu gihe c’ ubugeni. Aha ni igihe batanguye kunywa, umugore yamara gufata kamwe (agacupa) umugabo akamuraba ku jisho agaca amuca inyuma kuko azi ko umugore wiwe ariko aranywa kandi ari mu bandi, ata rungu afise.

Umugabo yashatse kurenga ibigo muri ubwo buryo ntaja kure kuko aba azi ko umurondeye ukamubura woca umwikeka. Nk’akarorero iyo ubwo bugeni buriko bubera mw’ihoteli, bashobora guca bafata icumba kimwe aho nyene muri iyo hoteli.

3. Mu nama z’ abavyeyi : Aha bikunda kugaragara cane mu bagize komite nkuru y’ abavyeyi. Nk’ iyo umuyobozi w’ iyo komite ari umugabo akaba afise icegera c’umugore, hari igihe umugabo ava mu rugo avuze ko agiye mu nana y’ abavyeyi, maze akaja kwibonanira na wa mugore w’icegera ciwe.

Kubwira umugore wiwe ko agiye mu nama bimufasha kumuca inyuma. Ibi ntibikunda gutera abagabo ibibazo kuko abo bagore baja kurenga ibigo bavuze ko bari mu nama baba bagaragara nk’ abagore bafise inguvu kandi b’abayobozi ku buryo kubakeka biba biri kure.

4. Amahoteli canke utubare turi kure y’ ingo zabo : ibi bisigura ahantu hihishe hatagaragara kandi hatagerwa na buri muntu canke ahantu umugabo adashobora guhurira n’ abo mu muryango wiwe, kugira ngo akore ivyo yipfuza ata muntu yikanga, ata n’ ico yikanga kandi akenshi ibi abagabo bakaba babikora mu minsi no mu masaha y’ akazi kugira ngo abagore babo ntibababure mu rugo ngo batangure bababaza aho bagiye kuri telefone ngendanwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.