IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibibanza bimwe bimwe bizohimbarizamo Saint valentin mu Burundi

Ibibanza bimwe bimwe bizohimbarizamo Saint valentin mu Burundi

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Mu mahoteli, m’ubunywero, m’uburiro hamwe no mu ma cyber café bari mu mwiteguro udasazwe wa saint valentin.

Abandadaji beshi bateguye ibirori vyishi bizoba kuri uwo munsi usigaye uhimbazwa cane hano mu Burundi.

Aho twagiye turatembera batumeshako biteguye cane kuko ari umunsi mukuru aho abakundana bagaragaza urukundo rwabo bamwe mu guhana utuganuke abandi mugusohokana ahantu hateguriwe abantu bari nico catumye nko muri hoteli EGO bategura umugoroba udasazwe wabakundana(soirée saint valentin) aho umuririvyi KIDUMU azobica bigacika.

Kuri hoteli Belair naho bateguye umugoroba w’urukundo ( love fashion) aho Vah fashion services yateguye defile de mode hamwe n’umuririvyi KIKI abicishije muri Karaoké, abandandaza nabo bateguye ibindadazwa bihariwe uwo munsi nka Krystal abicishije muri skrybel design yateguye imurika gurishwa iriko ibera kuri Geny’s café, Vannessa Ishimwe ateguye abicishije muri Vah fashion services ateguye defile de mode, Cercle louange yateguye ico yise Luck in love saint valentin .

Kubakundana ejo ntawuzobura aho ahimbariza umunsi mukuru ari kumwe n’uwo akunda ku munsi wahariwe urukundo no gukundana .

Ku bantu badafise abo bakundanye nabo ntibabibagiye kuko Havana Club yabateguriye umugoroba udasazwe bise Singles party izoba iremeshejwe na DJ Afshon(kenya) hamwe DJ Dan(kigali).


Alice Akingabiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.