IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibice 50 kw’ijana vy’abana bari munsi y’imyaka itanu bafungura (...)

Ibice 50 kw’ijana vy’abana bari munsi y’imyaka itanu bafungura nabi

jeudi 29 Rusama 2014

Ibice vy’abana bari munsi y’imyaka itanu bafungura nabi, vyavuye ku bice mirongo itanu n’umunani mu mwaka w’2010, bija ku bice mirongo itanu muri uyu mwaka nk’uko bishikirizwa na Odeta Kayaitesi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi umupfasoni Odeta Kayitesi akaba yabivuze mu nama ijanye n’ingorane z’ugufungura mu Burundi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi agatanga akarorero ko igituma abantu bakibandanya gufungura nabi, binaturuka ku mwimbu muke wibonekeza, uwo nawo ugatumwa n’uko kenshi usanga abakenyezi aribo barima bonyene, abagabo bibereye mu mazu y’ubunywero.

Mu ntara ya Ruyigi, ibice vy’abantu bagera kuri 32 kw’ijana akaba aribo basinzikajwe n’ugufungura nabi, ivyo navyo bigatumwa n’uko abagore muri iyo ntara aribo barima bonyene. Ariko kandi muri iyo ntara, hakaba harahindutse n’ibirere, biri mu vyoba vyaranatumye umwimbu usubira inyuma gusumba. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, bukaba bwarafashe ingingo nk’uko umushikiranganji abivuga, kugira butuze gusumba intambamyi z’ugufungura nabi ku bana.

Mwomenya ko mu ntara zimwe zimwe, usanga amwe mu mashirahamwe y’abagiraneza yaba ay’abihebey’Imana canke ayandi, afasha mu mugambi wo kugaburira abana bamaze gufatwa n’indwara zo gufungura nabi, co kimwe no kubigisha ukwo botegura imfunguro yuzuye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.