IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro nivyo bikenewe kugira icuka kibi kiri mu gihugu gihere

Ibiganiro nivyo bikenewe kugira icuka kibi kiri mu gihugu gihere

mercredi 19 Ntwarante 2014

Ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu Ligue Iteka rimenyesha ko rikurikiranira hagufi ibiriko biraba mu Burundi, kandi ko bibabaje mu gihe hari amwe mu mashirahamwe atoroherezwa mu buzi bwayo, imwe mu migambwe isamburwa, ibimenyeshamakuru bigabishwa, rimwe na rimwe ugasanga bagirizwa kwiheka inyuma y’amashirahamwe yabo, mu guhungabanya umutekano w’igihugu.

Joseph Ndayizeye arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka akaba yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 19 Ntwarante ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD hamwe n’imigambwe bafashanije kurongora igihugu, bamenyesha abarundi n’amakungu ko ibintu vyera de, ariko umuntu yaja mu gihugu, agasanga ibintu atariko bimeze, kuko abanyagihugu barira ko ababo bagenda amazimayongwe, abandi bakanigwa, mu gihe abandi ubasanga mu busho butandukanye. Si ivyo gusa, kuko n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike usanga agabishwa mu buzi bwayo, bimwe mu binyamakuru bikadomwako urutoke gusasira inkozi z’ikibi, canke ugasanga bamwe bamwe mu badaharanira inyungu za poritike bafatirwa mu kivunga, ko biheka inyuma y’ubuzi bakora mu guhungabanya umutekano w’igihugu, canke bakagirizwa gufashanya n’imigambwe itavuga rumwe na Reta, ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, mu kuvuga nabi ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Joseph Ndayizeye avuga ko atawohisha umwotsi inzu iriko irasha, kandi Reta itoba igihekenyera abanyagihugu nabo ngo bamire, kuko ibisata bitandukanye birangwamwo ingorane, yaba igisata c’indero, igisata c’amagara y’abantu, igisata c’ubutungane, igisata c’intwaro ibereye n’ibindi. Zimwe mu nyandiko zica ku buhinga ngurukana bumenyi, usanga zitangaza amakuru aca ivutu abanyamahanga, abo nabo bagaca batinya kugendera igihugu c’Uburundi, eka si ivyo gusa, kuko n’matangazo nayo yama ariko arashikirizwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, inkuru zitangwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye canke amatangazo atangwa n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ivyo vyose, vyerekana ko hari ibitagenda neza mu gihugu.

Umuhari Iteka rero ukaba usaba abarongoye igihugu kwubahiriza abanyagihugu, ukabubahiriza mu mateka yabo. Inzego zatowe n’abanyagihugu nazo uhereye kuri Reta, inama nshingamateka na nkenguzamateka basabwa guhaguruka, bakava mu biro, bashware abanyagihugu, maze bavugane n’abanyagihugu kuri ivyo bibazo bihanze igihugu. Izo nzego nyene zisabwa kandi gutunganya ibiganiro, zihereye aha i Bujumbura, ho hari umutima w’igihugu, maze ivyo biganiro, biheze bishware intara zose z’igihugu. Abarundi batandukanye nk’incabwenge n’abandi bikorera utwabo, bakaba batohara muri ivyo biganiro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.