Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiganiro bihuza Abarundi vyungururijwe ku rindi sango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro bihuza Abarundi vyungururijwe ku rindi sango

Ibiganiro bihuza Abarundi vyungururijwe ku rindi sango

jeudi 7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Isango ryari ryatanzwe n’umuhuza kugira abegwa n’ibibazo vya poritike biri mu Burundi bahurire mu biganiro i Arusha kw’igenekerezo ry’icenda Mukakaro 2016 ryasivye. Macocha Tembele, umwe mu bunganirizi b’umuhuza Benjamin William Mkapa, avuga ko ku mvo zitabavuyeko, iryo sango ryungururijwe ku wundi munsi uzomenyeshwa hanyuma, nk’uko bishikirizwa na Macocha Tembele.

Ivyo biganiro biriko bitegurwa mu gihe Reta y’Uburundi isanzwe yari imaze kuronswa ubutumire, n’ubu ikimenyesha ko itazokwemera ibiganiro bizoba birimwo urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

CNARED yagirizwa na Reta ko ihurikiyemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, mbere benshi mu bagize urwo runani bakaba bari ku rutonde rw’abanyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, n’imitahe y’ukubahagarika ikaba yarasohotse. Mu butumire bwari bumaze gutangwa bw’ivyo biganiro vyasivye, urunani CNARED ntirwari bwatumirwe.

Muri urwo runani rw’abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi bamenyesha kandi ko bari bamaze kumenya ko hari imwe mu migambwe igize urwo runani yamaze gutumirwa, ariko bakibutsa ko bitarekuwe ko iyo migambwe yitaba ibiganiro ku gatwe kayo.

Mw’itangazo CNARED yasohoye, bamenyesheje ko ibiganiro bazokwitaba ari ivyo bazoba batumiwemwo nk’urunani.


IGIHE

Messages

  • RETA Y’UBURUNDI NTIZE YEMERE NAMBA KWICARANA NIVYO BIMEN’AMARASO VYAGIYE BIKOZE AMARORERWA MUGIHUGU BICA VYIGIRA IBURAYI NONE NGO BISHAKA IBIGANIRO!! IBIGANIRO KI?MUBIHOZE BAZOYERERA IBURAYI MPAKA UWANYUMA APFUYE KUKO BAGARUTSE IVYO BOKORA HANYUMA NTAWOVYITURA.

  • EMW NARAVUZ BIRAMEMBONE! JEW AMAHORO MUMUTIMA WANJ ARUZUY NDINDIY AYANDI YISEZERANO RYAVUZW NABAVUGISHWA BATANDUKANY ARIKO NABON NTAWUZI KWARUKURI KW’IMANA!

  • Nivyunguruzwe kuko ba nyenicubahiro CNARED badatumiwe ivyo biganiro vyoba ari impfagusa kandi dushaka ko haca haba reta mfatakibanza imbonerakunya nabagumyabondo rero bapfe bayerera mu mashamba yo muri congo nkinterahamwe.

  • Hahahaaa! muburundikabay aberekwa niberekw abavugishwa bavugishwe.

  • Nivyunguruzwe kuko ba nyenicubahiro CNARED badatumiwe ivyo biganiro vyoba ari impfagusa kandi dushaka ko haca haba reta mfatakibanza imbonerakunya nabagumyabondo rero bapfe bayerera mu mashamba yo muri congo nkinterahamwe.

  • Ibiganiro ntaco bimaze,turasavye abarundi bumutima aho muri hose duhaguruke turwanye nkurumbi nakarwi kiwe bapfe bayerera nka gahini.

  • Nagomba gusaba cnared ko yova mumikino igafata umuheto ikarwanya akokarwi kabicanyi karongowe na nkurunziza atakindi karota atari ugusese amaraso y’abarundi jewe mbona atakamaro kokuganira numwicanyi nkuwo yatumariye abantu ataco abahora jewe mbona kwicarana na nkurunziza ataho bitaniye n’ukumushimira kumahano yirirwa arakorera abarundi ikibanza c’umwicanyi nkuwo simubiganiro ahubwo nuko bomuta muriyompi akomeye canke apfuye akishura kumabi amaze gukorera abarundi jewe mbonako ataco muzoba mugiye kuvugana nkurunziza yarishe amasezerano yarusha nibwirizwa shingiro ivyonavyo nibintu bitomeye igisigaye nuko hubahirizwa ayo mabwirizwa yose akaba atayindi nzira yokuyubahiriza uretse guhana abayarenzeko kugira no hanyuma ntihaze haboneke uwundi muntu yoyahungabanya yitwajeko aca aja mubiganiro kuko burya ukudakubita imbwa vyorora imisega nagira mbwire cnared ko ubugabo bwihabwa nimuve mu majambo tuje mubikorwa niyatunyara tuze tumuhebere

  • NTABIGANIRO BIZIGERA BIBA HAGATI YA LETA NA SINAHEAD/BOKOHARAMU/CNAREC

  • Mbega Aho Badatumigwa,cndd Fdd Yatumiwe Mubiganiro Bari Mwishamba,bica Abantu,biba,bafata Kunguvu,bobo Ntibagomba Gutembagaza Ubutegetsi?Murabesha Bazoza Kurya Mwaje,kandi Nincabwenge Gusa,muzotangara Mushwiragiye Mutaronka Naho Muca Ngo Musohoke Igihugu.Nayo Abo Bahuza Bararaba Neza,kuko Ntivyumvikana Ingene Bategura Programe Yibiganiro,hanyuma Bigasiga,misi Yose!! Abo Bagabo Bakorera Kubwoba.Leta Y,uburundi Ibater,ubwoba,bagaca Bisubirako.Nibihagarareko Bakore Nkabagabo,bafat,ingingo.

  • NIBEMERE BAGANIRE NA CNALD NONE IGOMBA KUGANIRA NANDE?

  • NIBEMERE BAGANIRE NA CNALD NONE IGOMBA KUGANIRA NANDE?

  • Leta ya Bujumbura iracagorana, umengo ingorane uburundi bufise ntibuzi. None irondera kuja mubiganiro na nde? Izoganira nabo nyene yita abanzi bayo, none aka kanya iribagiwe ko nayo yigeze kuja mubiganiro. Nihe agahenge abarundi, ibateze imbere, ibakuremwo amacakubiri ahandi hoho abarundi bazobabaza ico bakoreye uburundi.

  • abobantu baturiye abantu n’imipine munyakabiga ntakwicarana nabo kandi IMANA izobibabaza bitebe bitebuke. iyombonye arya masanamu baturira umuntu ncangira ubwoba cane.

  • CNARED oyeeeeeeeh,komera batama bacu.

  • Nibaturekure Turase Kuko Reta Yarananiranye Ikiriho Nugusekana Amakungu Abone Guhaguruka

  • TURASHIGIKIYE RETA YANYAKUBAHWA NKURUNZIZA NTAKWICARANA NIMBUNDEGE INTABARIGWA TWIMUJERI TWISINDUMUJA KUKO MUGIHE UWUTSINZWE WESE MUMATORA YOC AJAMWIBARABARA NOKWICABANTU HANYUMA NGO ASHAK IBIGANIRO TWOZOKWAMA HAHANDI NYENE NTABIGANIRO VYAMAGABURANYAMA DUKENEYE

  • Ehhhh. Komera nyinecubahira Peter Nkurunziza
    Tuzokwongera izindi mandats 4. Turagukunda twe abarundi

  • Tari iyo amaze guhagaimmpengeri zi I Mahama mu camp yandika ibitabapfu..

  • Leta nireke gutera igere ngo ntizokwicarana na CNARED kiryagihe CNDD-FDD yarimwishamba leta ya BUYOYA ntiyatera igere kwitazokwicarana na bicanyi na bica abatama na batamakazi bakongera bagakora ivyafurambi agakura abita komuri ABASAYA ivyovyose leta ya BUYOYA ntiyatera igere ariko ubu CNDD-FDD sigize LETA yose ubumwarashitse muri leta ngontimugomba kuganira na bandi.

  • Ivyo biganiro nta co bizovamwo...

  • Tegeze barundi mwamamwibaza ko izondyane ziriyo iwacu zizijana!Habanamba,ahubwo muramamwiteguriye kuduhamvya mubuhungiro,kuk uyonkurunziza muhayagiza ntahatandukaniye nabo muri senared.eheraba ukugene yishe mugenziwe gen.adolf nshimirimana!nabandi benshi abahorinyunguze.emwe amahoro yuburundarikure nkukwezi.

  • JEWEHARIGIHENIBA UMUNTUYAGO GUTERANYA ABARUNDI NTAKWIYENOKWAMA YAVUZWE SINDUHIJE MUNYENBARI SENERADE NIBAHERE IYOBAGIYE RETA NTIHIRAHIRE NGOBANICARANE AMTORAYARAHEZE IZONGURUKIZI ZIGUME ZIYERERA ABARUNDITWARAKANUYE SIBIMWEVYAKERA AYOMAGABURANYAMA NTAZIGERA ABAHO BABIKORA BIBAZAKO BIZOBOROHERA IGISIGA CAMEZE UGWARURERURE GWIMENENDA

  • Intambara ntaco zimaze zirica zigasambura ntizubaka. Abatwara igihugu n’ababarwanya nimuje hamwe muvugane twironkere amahoro kuko mwese muri abarwanyi gusa, ntamahoro mukund.

  • kobatevya ivyobiganiro ? nta runani nibaje hiyo izomujeri gihiga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.