Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ibigwanisho bito bito biri mu banyagihugu bigiye gutuzwa"
"Ibigwanisho bito bito biri mu banyagihugu bigiye gutuzwa"
mardi 5 Ntwarante 2013
Mu gitondo co kuri uyu wa 4 Ntwarante, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Terensiyo Sinunguruza, yaruguruye ibikorwa vy’inama ihuza ibisata bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi rya Afrika yo hagati CEEAC.
Mur’urwo ruganda, kabaye akaryo ko kuvugana ku ruja n’uruza rw’ibigwanisho bicira umuriro muri Afrika yo munsi ya Sahara, Uburundi burimwo. Intumbero kwari ukurabira hamwe ukuntu hotuzwa ibigwanisho bito bito bikwiragiye mu bantu babitunze batabifitiye uruhusha.
Mw’ijambo ry’iwe ryo gutanguza ivyo bikorwa, Terensiyo Sinunguruza yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’urwo ruganda, ari guhanahana ivyiyumviro ku kuntu hotuzwa ibigwanisho nk’ivyo bitunzwe ataruhusha. Kubw’iwe ngo ntibikiri ibanga, ibigwanisho bito bito bikwiragiye hirya no hino kw’isi muri rusangi no muri Afrika yo hagati cane cane biragisibije. Aho yar’afatiye ku bwicanyi bwibonekeza, bukaba buri mu bizingamika iterambere.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu abona k’Uburundi bufise ibibazo vyinshi, bivanye n’intambara bwaciyemwo. Ni naco gituma abona ko bukwiye gufata iya mbere mu kugwanya ibigwanisho bito bito biri mu banyagihugu. Avuga ko naho mu Burundi hariho ibisata vyegamiye Leta bijejwe gukura ibigwanisho mu babifise batabirekurirwa n’amategeko, mwene ivyo bisata biri ahatandukanye muri Afrika yo hagati vyoba vyiza bigiye birakorera hamwe.
Zenon Ndabaneze arongoye umurwi w’igihugu ushinzwe gukura ibigwanisho mu banyagihugu, yavuze ko ako kazi katega uwo murwi wonyene ahubwo ko biraba, Umurundi wese aho ari hose. Nayo kubijanye no kurwanya uruja n’uruza rw’ibigwanisho mu karere, yamenyesheje ko hariko harategurwa uko ibikorwa bizohora bigenda.
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
6 Ntwarante 2013, 03:12, par yamuremye
nimba bishoboka nibikorwe