IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ibihingurwa bishasha mu biharage

Ibihingurwa bishasha mu biharage

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Haheruka kwerekanwa mu Burundi ukugenge ibiharage bishobora kuvamwo izindi mfungurwa zivuye mw’ifu yavyo. Ibiharage, imwe mu mfungurwa ndemamubiri kandi ngirakamaro ku magara y’abantu.

Ibiharage bifise muri vyo ivyunyunyu birinda indwara zimwe zimwe mu mubiri. Hano mu Burundi bikaba biri mu mfungurwa mbubarugo, zibeshejesho abatari bake. Mu ntara zose zo mu Burundi, ibiharage n’igiterwa ca mbere kirimwa cane, kandi gikundwa hose. N’igiterwa kija mu murwi w’imfungurwa ndemamubiri gifise ingaburo muri co dushobora gusanga mu nyama mu mata, mu magi, mu mafi, n’ibindi.

Mu matohoza yakozwe mu Burundi, ingo zose yaba izifise canke izibayabaye, ibiharage n’imfungurwa iribwa cane. Ikigo c’ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi mu Burundi, ISABU (Institut des Sciences Agronomiques du Burundi), mu bushakashatsi cakoze ku giterwa c’ibiharage, casanze bikenewe ko hongerezwa ibindi vyunyunyu mu biharage, kugira abantu ntibabandanye bafungura nabi.

Imbuto nshasha z’ubwoko bwose bw’ibiharage zirimwo ivyunyunyu vya Zinc na Fer, zikaba zaratanguye guterwa mu Burundi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi, igihe yariko arugurura icese iyahanishwa ryo kwerekana ibindi bifungurwa bishobora kuva mu giterwa c’ibiharage, yamenyesheje ihingurwa ry’igiterwa c’ibiharage ari rya nkenerwa, na cane cane ko ari n’igiterwa gisanzwe kirimwa cane mu ntara zo mu Burundi bwose, kugira abantu barushirizeho kucitaho.

Muri iryo hayanishwa, abashakashatsi bo mu kigo ca ISABU bakaba barerekanye ihingurwa ryakozwe mu giterwa c’ibiharage aho gishobora kuvamwo n’ibindi bifungurwa bitandukanye. Aho twovuga nk’imikate ikozwe mw’ifu y’ibiharage, ibitumbura, ama keke, ibisuguti, ifu y’umusururu, n’’ibindi.

Eric Nduwarugira, umushakashatsi mu kigo ISABU amenyesha iciyumviro co guhingura ibiharage mu bindi bifungurwa, caje inyuma yaho hakorewe ubushakashatsi bagasanga mu Burundi abantu bafungura ukutarikwo, ari nako kurondera ubundi uburyo boza barabifungura. Mwomenya ishirahamwe PABRA ariryo ryatanze umuco ku kungene, ibiharage ibishobora kuvamwo izindi mfungurwa kugira ivyunyunyu biri murivyo bifungurwe cane, ikibazo co gufungura nabi gikemurwe.

Tubibutse ko ibiharage, ari igiterwa kirimwa ntara zose z’u Burundi, izimbuka cane akaba ri intara za Bugesera, Buyenzi, Bweru, Kirimiro na Buragane.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.