Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu bitatu bifatanijwe n’ikiyaga Tanganyika vyashize umukono ku (...)
Ibihugu bitatu bifatanijwe n’ikiyaga Tanganyika vyashize umukono ku masezerano
jeudi 28 Munyonyo 2013
Inyuma y’aho havugiwe ko Uburundi, Tanzaniya na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo vyoba bifise umugambi wo kugira ishirahamwe bihuriyemwo ari bitatu, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Deo Rurimunzu yabibeshuje inyuma y’aho abashikiranganji batatu b’ivyo bihugu bashiriye umukono ku masezerano yo gukorera hamwe.
Umushikiranganji Rurimunzu yamenyesheje ko amasezerano yo gufashanya hagati y’ivyo bihugu bitatu bifatanijwe n’ikiyaga Tanganyika yigeze kuba ahari, maze mu nyuma ntiyabandanya, ubu rero bakaba bagira bayavyure. Muri ayo masezerano bashizeko umukono, bakaba bemeranije gufashanya mu gisata c’ubudandaji, mu gisata co gutumatumanako amakuru, igisata c’ubutare n’agataka n’ibindi.
Umushikiranganji Rurimunzu akaba amenyesha ko umuhora wunguruza ibindadazwa uciye mu kiyaga ca Tanganyika uzimbutse cane, ndetse ibidandazwa navyo biva i Dar Es Salaam bigaheza bikorohera ababirangura, babizana i Bujumbura na rirya bizanana mu muhora uzimbutse. Ivyo bihugu bikaba bimenyesha ko hagiye no kuzokoreshwa indege z’amashirahamwe y’avyo, ndetse hakubakwa ibarabara ry’indarayi rihuza ivyo bihugu, kugira imigambi bashizeko umukono yorohereze abanyagihugu babo.

Ku bibaza ko igihugu ca Tanzaniya n’Uburundi vyoba bigira vyihore Urwanda, Kenya n’Ubuganda vyoba vyarashize amasezerano nkayo yogufashanya, ibihugu bindi bibiri bifatanijwe n’ikiyaga Tanganyika biri muri uyo muryango wa Afrika y’ubuseruko bitatumiwe, Rurimunzu amenyesha ko atariyo ntumbero y’ibihugu baserukiye mu gutera igikumu kuri ayo masezerano. Ivyo rero bikaba vyashitse mu gihe n’umushikiranganji w’imigenderanire yariko arabonana n’abaserukira ibihugu vyabo, abasigurira ibijanye n’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, aho yavuze ko igihugu c’Uburundi kitageza kuva muri uyo muryango.
Aristide Nizigire