IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu bivuga igifaransa bisabwa kwubaha urwo rurimi

Ibihugu bivuga igifaransa bisabwa kwubaha urwo rurimi

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Abaserukira ibihugu vyo muri Afrika yo hagati n’ivyo mw’ibahari Indiyana bivuga ururimi rw’igifaransa RESIFACO,bari mu nama i Bujumbura kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2013.

Abo baserukiye ivyo bihugu bazokwihweza ingene bokomeza ururimi rw’igifaransa kw’isi. Ico bariko baraganirako n’amahoro, demokarasi,agateka ka zina muntu, iterambere rirama, ururimi rw’igifaransa hamwe ubutandukane bw’imicokama.

Umuyobozi mw’ishikira w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa asaba ibihugu vyose bivuga ururimi rw’igifaransa ko vyoja hamwe kugira bateze imbere urwo rurimi kuko ruriko rurata agaciro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure aremeza kandi ko Leta izofasha muri ico gikorwa.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.