IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu n’amashirahamwe atandukanye bibandanya gutabariza Uburundi

Ibihugu n’amashirahamwe atandukanye bibandanya gutabariza Uburundi

dimanche 3 Rusama 2015

Ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Reta zunzubumwe z’Amerika na Suisse buvuga ko burajwe ishinga n’ibimaze iminsi biba mu Burundi.

Mw’itangazo ubuserukizi bw’ivyo bihugu vyashize ahabona biri kumwe, bivuga ko bitewe umutima uhagaze n’ibiriko biraba cane cane mu gisagara ca Bujumbura, aho hanatewe ibisasu ntezwaminwe vyica, ku wa 1 Rusama, mw’ijoro. Ivyo bihugu bimenyesha ko biteye ivyatsi ubwicanyi nk’ubwo, uwoba yarabukoze wese. Ubuserukizi bw’ivyo bihugu mu Burundi, buramenyesha ko bwakiriye neza ivyavuzwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Saïd Djinnit, aho yavuze ko umwanya w’ibiganiro hagati y’abanyeporitike, utararengerana, aca aributsa ko ihohoterwa rya bamwe n’abandi ritagira ikibanza mu bihe vy’amatora.

Ibihugu bitandukanye hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu n’ay’akarere akaba yose amenyesha ko atewe impungenge n’ibiriko biraba mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Mukamenya ko no mw’ishirahamwe ry’Akarere k’Afrika y’Ubuseruko batabariza Uburundi.

Dr Richard Sezibera, Umunyamabanga mukuru w’Umuryango w’ Ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko, amenyesha mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa 30 Ndamukiza ko amakungu yofasha Uburundi, kugira ibikorwa vy’amatora bitegekanijwe ntibize bibe intambamyi ku mahoro mu Burundi, mu gihe hari n’abamaze kubirwamwo. Sezibera, akaba asaba Reta y’Uburundi ko yokomeza inzira y’ibiganiro bihuza abanyeporitike, nk’urufunguruzo rwotuma Uburundi, bukomeza inzira nyayo, y’amatora abaye mu mutekano, ku mugaragaro, atanumwe ariwe urwara.


IGIHE

Messages

  • bazironge zange zibe isogo, nta mahoro mbona ngaha vuba. Interahamwe zazanwe niki? petero kuki atavirira iyo mandat ya gatatu? mbe kuki atumva akamo aterwa n’amakungu? ivyibazwa ni vyinshi mugabo iminsi izotwereka uwuvuga ukuri

  • Mwebwe tubasaba kuduhimiriza kurabaneza ukwo ibwirizwa nshingiro ryanditse kandi mukatubwira muti nambavyabagoye kurisomaneza nimugende kubahingabaryo babibafashemwo muti nivyovyobagirira akamaro gusumba kujamwibarabara mukiringo kirenze indwi. Nayo kuvuga ngomuratabariza gusa mutaditerereye inzira dukwiyegufata mubamusa hubwo nabafise ikintumurindiye kokiba. Ndababwirako ngahamuburundi hashoborakuba ibintu vyogucengacengana nimyaka 50 igahera mutarabona ukomubifata. Nimwibuke murikahise kwabarundi bicanye imwakanimwaniko igabera kandihariho abavuga ko impavu aruko igihugu muntaro nomugisoda vyiganjemwo ubwokobumwegusa ariko ayomakugu ntabifate nkukuri. Nonenino musi ayomakungu ahogubimiriza abarundi kwitura ubutungane bujejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro bakagezaho ivyokwirirwa mumabarabara , amakungu arikwarishinga kugigimizagusa!.

  • Ivyo mu Burundi uwutabizi yohava yibaza ngo n’ibintu bipfa kwiyadukiza bidafise iyo bizananye n’intumbero.Mbega haruwuyobeweko ubwoko bw’inkewa "abatutsi" barahiye bakarengwa ko ata muhutu yobatwarana igihugu.Ahubwo na Peter yatunzwe n’Imana asenga gusa.Turazi neza ko iyo mandant ya 3 bavuga ar’urwitwazo ico bakeneye nugusenyura intwaro y’abahutu gusa.Mbeg’intambara hariyo batinya kw’ar’ubwoko bwiyemeje kurwana aho bazoba hose?Ahubwo dusenge Imana niyo izobereka ko ubwoko bumwe butokwihariza igihugu cabwo.Ibiganiro basaba ni vyiki ko bagomba kuburizamwo amatora gusa?Naho bobaha ibingana gute ntibokwemera ni mpaka bafashe ubutegetsi.Inyishu s’uguhenda urwaruka rutanazi icarico mandat canke demokarasi ngo ruje mwibarabara.Kuki abanyapolitike babifisemwo inyungu z’amafaranga bakoresha abana?Nuko baziko aribo boroshe guhendwa no guhendesha udufaranga.Ja mu matora hama abo mukoresha mukuja mw’ibarabara mubabwire batore mwebwe, gurtyo mushike ku co mwifuza mubone guhindura ibitagenda neza.Amakungu yoyo afasha gito kk afisinyungu zitandukanye kuri twebwe.Dusubiranyemwo bararonka aho bashorera ibirwanisho vyabo n’ibindi.Erega hazopfa abarundi ntamuzungu azopfa.Ikindi kibabaje nuko abo banyepolitiki nyene abenshi imiryango yabo iri hanze, ivyoba vyose araziko atamwana wiwe bizohitana.Reka basha kurondera inyungu zanyu mubanje kuririka abana b’uburundi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.