IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu vy’Afrika n’ivy’abarabu birakeneraniye

Ibihugu vy’Afrika n’ivy’abarabu birakeneraniye

lundi 18 Munyonyo 2013

Inyuma y’inama yahuje abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu n’ayandi makungu vyo muri Afrika n’ivy’abarabu, inama kaminuza y’abakuru b’ibihugu n’amareta igira gatatu ikaba itegekanijwe gutangura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo uyu mwaka mu gisagara ca Koweit.

Mw’ijambo ry’ikaze mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire n’ibindi bihugu yabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo, cheikh Sabah khalid Al-Hamad Al –sabah, icegera c’umushikiranganji wa mbere akongera akaba umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya koweit n’ibindi bihugu, akaba yateye akamo ibihugu vy’abarabu hamwe n’ibihugu vy’afrika ko gushira inguvu nyishi mu gukomeza guhanahana ibidandazwa hamwe no gukomeza imigenderanire mu vyerekeye ubutunzi.

Abari aho bagiye barafata amajambo, bakaba nabo bamenyesheje ko bihugu vyose vya Afrika n’abarabu bikeneraniye. Afrika irakeneye ibihugu vy’abarabu kandi n’abarabu barakeneye Afrika, ni nayo mpamvu hokomezwa cane ugufatana mu nda n’ubugenzi hagati y’abanyagihugu b’Afrika hamwe n’ibihugu vy’abarabu. Mu gihe bari mu mwiherero, bakaba barize ndetse baranemeza ivyavuye mu nama irimwo abo bashikiranganji b’ imigenderanire, ndetse kandi bakaba barasubiyemwo ivyasabwe mu nama y’abakozi bakuru bakuru yabaye ku genekerezo rya 14 Munyonyo muri Koweit, aha akaba ari ivyavuye mu nama igira kabiri y’abashikiranganji ba Afrika hamwe n’abarabu b’uburimyi hamwe no kurwanya inzara, yabereye i Riyad igenekerezo rya 2 Gitugutu 2013.

Mwomenya ko iyo nama iza kwitabwa n’abakuru b’ibihugu 34, harimwo n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.