IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihushane ku mafaranga Serapiyo yoba yaraguze itongo rya Ndaburiye

Ibihushane ku mafaranga Serapiyo yoba yaraguze itongo rya Ndaburiye

mercredi 3 Mukakaro 2013

Ku va aho umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, yagirijwe n’umuryango w’umuhisi Posiyano Ndaburiye ko ko babanyaze itongo ryabo inyuma y’urupfu rwa nyene urugo, mu muryango wa Serapiyo Bambonanire hari impushane mu bijanye n’amafaranga bavuga ko boba baraguze iryo tongo.

Umupfasoni wa Posiyano Ndaburiye, amenyesha ko ataho bigeze bahurira na Serapiyo Bambonanire kugira bagure iryo tongo, uyo mupfasoni akavuga nyabuna ko ahubwo we n’umuryango wiwe bipfuza gusubizwa itongo ryabo, ubu ribamwo umuryango wa Musenyeri Serapiyo Bmabonire. Abaserukira umuryango wa Bambonanire, bavuga ko iryo tongo bariguze hagati y’imyaka ya 81 na 82, uburyo bw’ubuguzi nabwo burahezwa butangwa na Bambonanire Serapiyo asanzwe arongoye umurwi CNTB.

Ariko rero nk’uko vyagiye birashikirizwa na bamwe mu bagiye baraserukira umuryango wa Musenyeri, rimwe bavuga ko iryo tongo ryaguzwe mu madolari, ikindi gihe naho bakavuga ko iryo tongo ryaguzwe mu mafaranga y’amarundi.

Twobibutsa ko iryo tongo umuryango wa Serapiyo Bambonanire babamwo muri iki gihe, ari ikibanza umuryango wa Posiyano Ndaburiye wabamwo, imbere yaho Ndaburiye agandaguriwe mu mwaka w’1972, akaba yari umunyabigega i Musigati mu ntara ya Bubanza. Inyuma y’urupfu rwa kizigenza w’umuryango, abasigaye baciye bahunga kubera ubwoba bwo kwibana muri ico kibanza bari bahejeje kuburiramwo uwabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.