Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abashingamateka ba EAC bahuriye mu nama igira gatanu
Bujumbura : Abashingamateka ba EAC bahuriye mu nama igira gatanu
mercredi 18 Ntwarante 2015, par
Ibikorwa vy’inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko vyatangujwe icese mu gisagara ca Bujumbura.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ntwarante 2015, mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yuguruye icese ibikorwa bigira gatanu vy’Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko.
Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza akaba yakiriye yongera arakeza Umukuru w’Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, Daniel Alfred Kidega ku mabanga mashasha aheruka gushigwa, yongera akeza abagize Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko kuba barashoboye gutorera inyishu ibibazo vyahora vyibonekeza muri uwo muryango. Petero Nkurunziza yarijeje ko amatora yimirije azoba meza kandi yizewe, aranahamagarira ibihugu bigize umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko ko borungika umugwi w’abarorerezi.

Inama shingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko niyo ifise urufunguzo rwo gufasha ibihugu bihurikiiye mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko (EAC) kugira bironke akarusho mw’iyinjira muri uwo muryango, nk’uko vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza.
Mukamenya ko muri ivyo bikorwa bizomara indwi zibiri, abagize Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, bazokwigira hamwe amategeko amwe amwe, nk’iryo gukuraho inzitizi zigeramiye ubudandaji mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, itegeko ryorohereza ubudandaji ku mipaka hamwe n’itegeko rigenga ihiganwa mu budandaji muri Afrika y’Ubuseruko.
Abanyecubahiro batandukanye bakaba bari bitavye ivyo birori, aho tukavuga umukuru w’inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, Daniel Alfred Kidega, Umukuru w’inama shingamateka y’Uburundi Piyo Ntavyohanyuma, abashingamateka bo muri EALA, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashikiranganji n’abandi batangukanye.





Alida SABITEKA
Messages
18 Ntwarante 2015, 19:15, par Radjabu
Basezere iyo niyo yanyuma wakiriye nkumukuru w’uburundi izindi uzozitaba nkumu kenguza mateka kuva mukwezi kumunani 2015.
19 Ntwarante 2015, 12:07, par Aferky
Kuraho inzitizi mu migenderanire nibindi bihungo, kurondera impapuro zinzira biragoye. KENYA, RWANDA na UGANDA bashitse kure. Bandanya wishinga TANZANIA ntuzi ko ABARUNDI uriko urabagirira nabi. Globarisation wewe ntacikubwiye.