Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafasha Uburundi basaba ko ubunyonyezi bwotuzwa bimwe biboneka
Abafasha Uburundi basaba ko ubunyonyezi bwotuzwa bimwe biboneka
lundi 28 Gitugutu 2013
Mu nama y’abafasha Uburundi iriko ibera mu ngoro y’iminsi mikuru ya la détente, abafasha Uburundi nka bose basaba ko igihugu covira hasi abanyuruza amatungo y’igihugu co kimwe n’ abanyuruza imfashanyo. Muri ivyo bikorwa rero bizomara iminsi itatu, abavyitavye bazoboneraho akaryo ko kwigira hamwe imigambi Uburundi bwoshira imbere mu ntumbero yo kurwanya ubukene gushika mu mwaka w’2025.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy"iyo nama y’abafasha Uburundi ryavuzwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero NKurunziza, yamenyesheje ko Uburundi bushimishwa n’ingene abasanzwe babufasha bitanze, haba mu nama n’ababufasha yabereye mu gisagara ca Geneve mu kwewi kwa Gitugutu mu mwaka w’2010, n’inama yakurikiye, iyo nayo ikaba yabereye mu Burundi mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka, hamwe n’iyi iriko ibera aha mu Burundi, kuri uyu munsi w’igenekerezo rya 28 gushika ku rya 30 Gitugutu uyu mwaka.

Petero Nkurunziza akaba avuga ko Leta y’Uburundi n’abanyagihugu bose bashimira bimwe bivuye ku mutima abasanzwe bafasha igihugu, mu bikorwa vy’iterambere, bakongera bagashima ku mfashanyo bemereye igihugu, izoshigikira ibisata bimwe bimwe vya Leta.
Muri iyo nama rero, ibisata vy’intwaro ibereye, gutsimbataza amahoro, amagara y’abantu, kurwanya ikiza ruhonyanganda sida, ibidukikije, ubutare n’agataka co kimwe n’ugusanura ico gisata c’ubutare n’agataka bikaba biri mu bikorwa nyamukuru bizoshimikirwako.

Abemereye imfashanyo Uburundi nka bose bakaba bagarutse ku gusaba igihugu ko covira hasi abanyonora itunga ry’igihugu, n’ugukoresha ico imfashanyo ziba zagenewe, n’ugutsimbataza amahoro. Ikindi ni ukwo abo bafasha Uburundi bemeye kuzotanga ivyo bemeye.
Twobamenyesha ko mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu yaremesheje abemereye imfashanyo Uburundi, ko kuva mu mwaka w’2011 guushika mu mwaka w’2015, igihugu cafashe ingingo yo gutuza ba kaboko co kimwe n’ugukomeza intwaro ibereye. Umukuru w’igihugu yabandanije avuga ko na politike ya tolerance zero iri muri uyo mugambi wo gutuza abanyonora amatungo ya Leta co kimwe n’igipolisi eka n’amasentare yo guhasha abarya igiturire n’abanyuruza amatungo ya Leta.
Twoba,enyesha kandi ko yo nama yitabwe n’abanyacubahiro atari bake uhereye ku mukuru w’igihugu, abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, ivyegera vyose vy’umukuru w’igihugu, abakuru b’imigambwe, bamwe mu baserukira ibihugu vy’abo, ba buramatari bose b’intara, abari mumashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike yo mu Burundi na mpuzamakungu, n’abandi.

Aristide Nizigire
Messages
28 Gitugutu 2013, 12:31, par Gerard Cazottes
"N’uwanka urukwavu, aremera ko ruzi kwiruka". Imigambwe yibaza ko CNDD-FDD izotsindwa mu matora y’2015, biragaragara ko bihenda. Ku vyerekeye ihindurwa rya Constitution na ryo, c’est fort probable ko Nkurunziza Pierre azosubira kwitoza. Ayo ma rallye, rapport ya OBR, realisations sous pouvoir DD, inama y’abafasha u Burundi etc... biriko bigirwa, ni mu ntumbero yo kwerekana ko hari iterambere mu nyuma bashigikirwe. None ga bana ba mama, ntimubona ko iyo yindi Migambwe ihakwa kubura ico ivuga? Mugabo nkatangazwa kubona Alexis Sinduhije du MSD na Rwasa Agathon basa n’abatinywa? Atari Bizimana Francois, Nyangoma Leonard de CNDD we ntaherutse. Nkibwira ko umunsi iyo Migambwe, kimwe na SAHWANYA-FRODEBU et UPD-Zigamibanga vyemerewe bikaja hamwe bikanakora ku mugaragaro (ata nduru canke gusitana), u Burundi buzogir’izina ryiza mu makungu.
28 Gitugutu 2013, 13:18, par Richard
Aho nivyo bakaboko baratujije?hemwe nihamwe bavuga ngo namaca ndya.
28 Gitugutu 2013, 13:24, par noel
Nibahindure Reta ireke gusegerezaaa
28 Gitugutu 2013, 14:56, par nahayo
None ko tubona imigabwe itarikumwe na leta iburaguzwa ako gahengwe ko gukora bataburaguzwa kazoboneka yrari mbe iyo migambwe niyiyunge izoshika kukintu imana iya zigame.
29 Gitugutu 2013, 13:30, par Gahwiji
Yemwe bene Burundi nimureke guta umunwa ntawuzozatwara azemerwaijana kwijana nimureke abanyagiuhgugu abe aribo bazacimanza twebwe hano duhereye tubona hatwara abirabure kandabazungu baratekereje kandi bari muntwaronone twebwe turabirabura gusa nugutegana imanga mwobiretse umwe wese akaraba ahari nahageza none twese tuzoba aba president?