Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo kwubaka isoko nshasha vyoba bigeze hehe?
Ibikorwa vyo kwubaka isoko nshasha vyoba bigeze hehe?
samedi 5 Ndamukiza 2014
Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye, harategekanijwe ikindi kibanza abahora bakorera muri iyo soko yahiye bazimukiramwo. Aho naho akaba ari ahahora ikibuga c’umupira ca COTEBU.
Mu ntumbero yo kumenya aho ibikorwa vyo kwubaka iryo soko bigeze, twarashoboye kwishikira muri ico kibanza. Umuntu ahashitse ahasanga abakozi bariko basasa amabuye hasi (trauvaux de pavage) ku nkengera z’ico kibanza n’abandi bariko bashirako intsinga (fils barbelés). Twegereye abo bakozi batumenyesha ko bakorera ishirahamwe ritwa SODU. Iryo shirahamwe niryo ryahawe isoko ryo kwubaka uruzitiro ry’ico kibanza, imiryango ibiri, no gusasa amabuye hasi.
SODU ikaba izoshikiriza ibikorwa yaranguye muri iryo soko kuwa 6 Ndamukiza.
Hategekanijwe kuzoshirwako imiryango (portails) umunani, ariko hakaba hamaze kujako ibiri gusa. Iyo yindi isigaye ikaba izoshirwako mu bindi bikorwa.

Winjiye mw’iyo soko, uhabona ibisigarira vy’ibikoresho nk’amabuye, imbegeti hamwe n’ibiti. Amatara n’amazi vyaramaze kuhashikanwa nk’uko twashoboye kwibonera amakonteri yavyo.
Utuzu twa sugumwe hamwe n’ibiro abazoba bajejwe itunganywa n’umutekano w’iryo soko bazokoreramwo vyaramaze guheza kwubakwa. Mbere twobamenyesha ko n’ubusho bwamaze guhera gukorwa.
Dukurikije ivyo twahabonye, biragaragara neza ko ico kibanza kitarategurwa neza ku buryo coza gukorerwamwo mu misi ya vuba, kuko ibibanza abadandaza bazokoreramwo ntibiratunganywa neza, n’imbere y’ibiro vy’aho abajejwe iryo soko bazokorera nta sima irahashirwa, harangwa n’utwatsi. Gushika ubu ikiringo ico kibanza kizokwinjirirwa ntikiramenyekana neza.




Isabelle Simbarakiye
Messages
6 Ndamukiza 2014, 13:55, par chadrack
iyo soko yacu niyuzure vuba iracyenewe