Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibindi bihugu vyahagaritse imfashanyo mu bijanye n’amatora k’Uburundi
Ibindi bihugu vyahagaritse imfashanyo mu bijanye n’amatora k’Uburundi
mardi 12 Rusama 2015
Ibihugu vy’ubu Suisse na Hollande vyahambije igihugu c’Ububiligi mu guhagarika imfashanyo vyahora biha igihugu c’Uburundi mu bijanye no gutegura amatora.
Mu nama yo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Rusama , yahuje abaserukira ibihugu vya buraya mu Burundi hamwe na Reta y’Uburundi yariserukiwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure. Abo baserukira ibihugu vya buraya mu Burundi, uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika n’ubu Suisse bamenyesheje ko baranjwe ishinga nibiriko biraba mu Burundi aho biyamirije ihonyangwa ry’agateka kazina muntu rifatiye ku kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Intumwa idasanzwe y’ibihugu vya buraya mu karere k’ibiyaga binini yavuze kw’izina ryabo baserukira ibihugu vyabo, yasavye ashimitse ubutegetsi bw’Uburundi kubahiriza abarundi bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije mu myiyerekano kuko babirekurigwa n’amategeko. Hakongera hagahagarikwa vuba bwango ihonyangwa ry’agateka kazina muntu kibonekeza muri kino gihe, aho banamenyesheje ko igi polisi gikoresha inguvu zirenze, aho barasa amasasu yica kubari mu myiyerekano kandi abo atabigwanisho baba bafise.
Abo baserukira ibihugu vya buraya mu Burundi barikumwe n’abagenzi babo nk’uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika n’ubu Suisse basavye Reta y’Uburundi kwigiza inyima ikirangaminsi c’amatora kuko icuka kiri mu gihugu kidashobora korohereza abariko bariyamamaza mu matora. Umushikiranganji ajejwe imigenderanira n’ayandi makungu, Laurent Kavakure akaba yamenyesheje ko ikirangaminsi c’amatora kidahinduka kandi ko Uburundi buzobandanya kwitunganya nkuko bwamye.
Alida S.
Messages
12 Rusama 2015, 09:41, par bampema zuzuye
Yooooooo,baba fumye mwambwamwe mwivye ya 2010 ayubu yo ni danger nimuzane amwe mwiba igihugu mushiremwo nahandi murawunyoye
12 Rusama 2015, 09:46, par faraja john
niho baducura bufuni nabuhoro,barabonako atacotumaze.ariko abarundi dukwiy kumenyako utema urwiw bamuhumuhoro.
12 Rusama 2015, 10:18, par do
koma mwamenyerey kuzuz inda kuvyo mutaruhiy reka zipomporoke Murabe!bado
12 Rusama 2015, 10:21, par mahoro
Amatora azoba ukuri kwamye kuko ivyangombwa vyose birakwiye. Uretse c’ico politIque yabo ya Hégemonisme bayijane iwabo en Europe.
12 Rusama 2015, 10:25, par Pascal
Ewe Mushikirangaji Uritwenze !!Ngo Muzokwitungana!!Muki Ugasanga Tutazoguraka Nkayankona ,igitoro Kigurwa 5mil,isukari 3mil ...,Ugize Imana Ukaronka Uwuyaha,hanyuma Nguzitunganya Ubaye Nkagakecuru Basize Mwisandugu Kataracikana Nako Ngo "Pfunga Neza Ni Misumari Ndababwira Nikanguye.!"
12 Rusama 2015, 12:10, par ntare semuganzashamba
mbe kavakure yari kuvuga iki kandi?uko ni ukumaramara.
12 Rusama 2015, 16:30, par ndihokubwayo
kavakure arabeshe hinge turabe ejo dar srama ivyo bazodushikiriza naho yanse bazomukuzaho imigozi kuko babaye.