Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibindi bihugu vyahagaritse imfashanyo mu bijanye n’amatora k’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibindi bihugu vyahagaritse imfashanyo mu bijanye n’amatora k’Uburundi

Ibindi bihugu vyahagaritse imfashanyo mu bijanye n’amatora k’Uburundi

mardi 12 Rusama 2015

Ibihugu vy’ubu Suisse na Hollande vyahambije igihugu c’Ububiligi mu guhagarika imfashanyo vyahora biha igihugu c’Uburundi mu bijanye no gutegura amatora.

Mu nama yo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Rusama , yahuje abaserukira ibihugu vya buraya mu Burundi hamwe na Reta y’Uburundi yariserukiwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure. Abo baserukira ibihugu vya buraya mu Burundi, uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika n’ubu Suisse bamenyesheje ko baranjwe ishinga nibiriko biraba mu Burundi aho biyamirije ihonyangwa ry’agateka kazina muntu rifatiye ku kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Intumwa idasanzwe y’ibihugu vya buraya mu karere k’ibiyaga binini yavuze kw’izina ryabo baserukira ibihugu vyabo, yasavye ashimitse ubutegetsi bw’Uburundi kubahiriza abarundi bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije mu myiyerekano kuko babirekurigwa n’amategeko. Hakongera hagahagarikwa vuba bwango ihonyangwa ry’agateka kazina muntu kibonekeza muri kino gihe, aho banamenyesheje ko igi polisi gikoresha inguvu zirenze, aho barasa amasasu yica kubari mu myiyerekano kandi abo atabigwanisho baba bafise.

Abo baserukira ibihugu vya buraya mu Burundi barikumwe n’abagenzi babo nk’uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika n’ubu Suisse basavye Reta y’Uburundi kwigiza inyima ikirangaminsi c’amatora kuko icuka kiri mu gihugu kidashobora korohereza abariko bariyamamaza mu matora. Umushikiranganji ajejwe imigenderanira n’ayandi makungu, Laurent Kavakure akaba yamenyesheje ko ikirangaminsi c’amatora kidahinduka kandi ko Uburundi buzobandanya kwitunganya nkuko bwamye.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.