Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu abakundanye bokora kugira urukundo rwame ari rushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu abakundanye bokora kugira urukundo rwame ari rushasha

Ibintu abakundanye bokora kugira urukundo rwame ari rushasha

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Abantu bubatse hari ibintu bategerezwa kugira kugira urukundo rugume ari rushasha, kuko kuri benshi usanga batigera bahindura ukuntu babanye mu rukundo. Ugasanga bama muri vya bindi iminsi yose, ivyo navyo bigatitura urundo. Hari ibintu rero bifasha kugira urukundo rwame ari rutoto.

Ng’ibi ibintu 8 abakundana bogerageza gukora kugira urukundo rwabo rwamane akamoto gashasha.

1) Gutegura urugendo naho rwoba ruto iminsi itari iya kazi

Kwiyadukiza mu gutegura urugendo urwarirwo rwose birafasha abakundana kuronka umwanya wo kuyaga ari babiri kandi bisanzuye. Bibereye mu minsi itari iy’akazi kuko nta mwitwarariko w’akazi bose baba bafise. Ivyo rero biryoshe ata bana batwaye canke uwundi muntu n’umwe baba bari kumwe. Igituma ari kwiyadukiza, bibanje kuja mu nteguro bica bisaba imyiteguro, bagaharura amahera bokoresha n’ibindi.

2) Kudakora iminsi yose ibiri ku rutonde

Hari abakundana bama bakora ivyo bateguye ku bijanye n’urukundo. Ugasanga iminsi yose imbere yo kuja ku kazi bakabanza gusomana, bavuye ku kazi canke ku mirimo ya minsi yose bakabanza guhitanana, canke bakama basohoka nka rimwe mu kwezi itariki ntabanduka. Ivyo rero birakwiye guhinduka kuko bimenyerewe ntaco biba bivuze kuko hari n’igihe basomana ntibamenye n’ico bagize kubera babigira iminsi yose nk’itegeko.

3) Gukorera hamwe ibikorwa bimwe bimwe

Biraryoha iyo abakundana bakorana ibikorwa vyokwinonora imitsi, naho vyotwara umwanya muto, kuko kwinonora imitsi bituma umuntu yisanzura. Ababishoboye bajana kwoga «natation», bakinira mu mazi, canke bakina umupira w’amaguru. Urukundo rugaruka nka rushasha.

4) Guhindura uko bahora bagira amabanga y’abubatse

Ibanga ry’ikare ritegerezwa kujamwo bishasha. Kugira amabanga y’abubatse mu buryo bumwe iminsi yose biratitura kwipfuzanya, hari n’abo birya umutima. Mufise inzu yagutse, isanzure muje muri «salon» canke mu kindi cumba. Mwibukeko ibanga ry’abubatse riri mu bisambura ingo.

5) Abakundana basabwa kuba abantu bagezweho

Umugabo asabwa kwambara ibintu bigezweho, akimosha neza, bakajana n’umugore kugura impuzu. Umugore wewe isuku n’ikintu gihambaye cane, impuzu zimesuye neza, imishatsi yogeje neza. Ivyo rero ntiyokwigira neza mu gihe agiye ahantu gusa, cane cane yokwigira neza ari muhira kugira aryohere umugabo wiwe.

6) Kuvugana

Ingo nyishi zisamburwa no kutavugana. Fata umwanya wo kuganira ibiryoshe, hamwe n’intambamyi mu rukundo no mu buzima bwa minsi yose. Gumana muri salon abana bagiye kuryama, tora umunsi wokurabira hamwe urugo uko rutunganijwe muvugane n’imigambi yo muri kazoza.

7) Kugiriranire ibitari vyitezwe

Hariho utuntu dutoduto dutuma urukundo rukayangana. Muhitane muvuye mu bikorwa vya minsi yose umujane ahabona mwambaye neza musangire ico mufise naho coba gito, kuko urukundo rufatira ku bintu bitoyi. Akubwiye ko arushe, genda mu cumba ufate amazi ashushe umukande, umusige amavuta kandi ivyo biraba umugabo canke umugore.

8) Umukunzi wawe arakeneye umwanya wiwe

Gukundana ntibisigura ko umugabo n’umugore bokwamana umwanya wose, umugabo arakeneye umwanya wo kuja hamwe n’abandi bagabo, eka n’umugore arakeneye umwanya wo kuba hamwe n’abandi, kiretse mu gihe bimaze kuboneka ko umugabo canke umugore afise abagenzi babi.

Urukundo rusaba kwama runagurwa kuko rurasaza.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.