Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu abakundanye bokora kugira urukundo rwame ari rushasha
Ibintu abakundanye bokora kugira urukundo rwame ari rushasha
mercredi 12 Ruhuhuma 2014
Abantu bubatse hari ibintu bategerezwa kugira kugira urukundo rugume ari rushasha, kuko kuri benshi usanga batigera bahindura ukuntu babanye mu rukundo. Ugasanga bama muri vya bindi iminsi yose, ivyo navyo bigatitura urundo. Hari ibintu rero bifasha kugira urukundo rwame ari rutoto.

Ng’ibi ibintu 8 abakundana bogerageza gukora kugira urukundo rwabo rwamane akamoto gashasha.
1) Gutegura urugendo naho rwoba ruto iminsi itari iya kazi
Kwiyadukiza mu gutegura urugendo urwarirwo rwose birafasha abakundana kuronka umwanya wo kuyaga ari babiri kandi bisanzuye. Bibereye mu minsi itari iy’akazi kuko nta mwitwarariko w’akazi bose baba bafise. Ivyo rero biryoshe ata bana batwaye canke uwundi muntu n’umwe baba bari kumwe. Igituma ari kwiyadukiza, bibanje kuja mu nteguro bica bisaba imyiteguro, bagaharura amahera bokoresha n’ibindi.
2) Kudakora iminsi yose ibiri ku rutonde
Hari abakundana bama bakora ivyo bateguye ku bijanye n’urukundo. Ugasanga iminsi yose imbere yo kuja ku kazi bakabanza gusomana, bavuye ku kazi canke ku mirimo ya minsi yose bakabanza guhitanana, canke bakama basohoka nka rimwe mu kwezi itariki ntabanduka. Ivyo rero birakwiye guhinduka kuko bimenyerewe ntaco biba bivuze kuko hari n’igihe basomana ntibamenye n’ico bagize kubera babigira iminsi yose nk’itegeko.
3) Gukorera hamwe ibikorwa bimwe bimwe
Biraryoha iyo abakundana bakorana ibikorwa vyokwinonora imitsi, naho vyotwara umwanya muto, kuko kwinonora imitsi bituma umuntu yisanzura. Ababishoboye bajana kwoga «natation», bakinira mu mazi, canke bakina umupira w’amaguru. Urukundo rugaruka nka rushasha.
4) Guhindura uko bahora bagira amabanga y’abubatse
Ibanga ry’ikare ritegerezwa kujamwo bishasha. Kugira amabanga y’abubatse mu buryo bumwe iminsi yose biratitura kwipfuzanya, hari n’abo birya umutima. Mufise inzu yagutse, isanzure muje muri «salon» canke mu kindi cumba. Mwibukeko ibanga ry’abubatse riri mu bisambura ingo.

5) Abakundana basabwa kuba abantu bagezweho
Umugabo asabwa kwambara ibintu bigezweho, akimosha neza, bakajana n’umugore kugura impuzu. Umugore wewe isuku n’ikintu gihambaye cane, impuzu zimesuye neza, imishatsi yogeje neza. Ivyo rero ntiyokwigira neza mu gihe agiye ahantu gusa, cane cane yokwigira neza ari muhira kugira aryohere umugabo wiwe.
6) Kuvugana
Ingo nyishi zisamburwa no kutavugana. Fata umwanya wo kuganira ibiryoshe, hamwe n’intambamyi mu rukundo no mu buzima bwa minsi yose. Gumana muri salon abana bagiye kuryama, tora umunsi wokurabira hamwe urugo uko rutunganijwe muvugane n’imigambi yo muri kazoza.

7) Kugiriranire ibitari vyitezwe
Hariho utuntu dutoduto dutuma urukundo rukayangana. Muhitane muvuye mu bikorwa vya minsi yose umujane ahabona mwambaye neza musangire ico mufise naho coba gito, kuko urukundo rufatira ku bintu bitoyi. Akubwiye ko arushe, genda mu cumba ufate amazi ashushe umukande, umusige amavuta kandi ivyo biraba umugabo canke umugore.
8) Umukunzi wawe arakeneye umwanya wiwe
Gukundana ntibisigura ko umugabo n’umugore bokwamana umwanya wose, umugabo arakeneye umwanya wo kuja hamwe n’abandi bagabo, eka n’umugore arakeneye umwanya wo kuba hamwe n’abandi, kiretse mu gihe bimaze kuboneka ko umugabo canke umugore afise abagenzi babi.
Urukundo rusaba kwama runagurwa kuko rurasaza.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Ruhuhuma 2014, 17:01, par Nyamijos
Ariko mwubatse musanzwe muri aba christo ntimwokwirengagiza gusenga IMANA bifatanije no kuyubaha navyo biza imbere ya vyose mu bituma urukundo rwokomera.
12 Ruhuhuma 2014, 17:28, par Jerome Harerimana
Hahahaha urukundo ruravomeregwa nk’amashurwe,umwe yanditse igitabu ciwe avuga ngo:"ntubone kwa mugenzi wawe hari amashurwe ayagayaga(meza) ngo umenye ko yatanze amahera menshi yo kuyavomera."Bivugako urukundo ari nk’amashurwe yo mugihe c’izuba iyo atavomerewe aruma je sinubatse ariko ndashobora kubona ko ari ukuri pe kandi kuzuye.
12 Ruhuhuma 2014, 17:53, par Jerome
Kungingo ya mbere yo gutembere n’umutambukanyi wawe ndayi support kuko iyo umukenyezi ariko atambuka mw’ibarabara n’umucance wiwe biramunezera kuko abandi bazinanyi hagera igihe bakamupepera(baduza ibiganza)bamutwengera bamubwira ko baberewen’umucance wiwe aho rero muri uwomwanya akanyamuneza karamusya
13 Ruhuhuma 2014, 01:28, par sakubu
mwakoze kudushirirakoa amafoto yaba DD hahaha
13 Ruhuhuma 2014, 11:48, par Muhoza
Muvuze ukuri nkabakuzi.Mwashigikiye kubafita ingo ariko. Nabakundanye bategereje kubihereramwo nabonyene birabaraba. Kuko nihaye ko akarorero haciye nka 3 tudahuye ngo tuganire. Canke. Ngo ndamwohereze. Msg canke. Nyene ngwabigenze uko umwe muritw turisigura icabitumwe hama tukabandanya tumanze gushira ahabona why everyone. Yigize busy kuri mugenzi we. Kandi biranshimisha vyerekanako umwe wese yitwararika mugenziwe
13 Ruhuhuma 2014, 13:29, par schaaaaaa
nivyiza kweri uwuzobikwirikiza kubagez hano hantu ndabon ntakabuz urukundo rwabo urozoramba mirer na mirer
17 Ruhuhuma 2014, 16:37, par muco
hahahaa ni vyiza ibintu vyoose mutubwiye.ariko rero abo bantu bicaye basobekanije amagurur umenga ndabazi ninaba dd.ngira barakundanye kubera aga faranga birirwa biba!!!hahaha ni hatari.
28 Ruhuhuma 2014, 09:12, par bip telecom
Ivyo ngira biraba ab DD bo bafite agafaranga ko kugura impuzu.n’ugusohoka.muracesengura mubwire abatagira agafaranga nabo ingene
bokwigenza.
28 Ruhuhuma 2014, 14:43, par NOel
izo ngingo zose nizukuri,ntaco mwabeshemwo!
21 Ruheshi 2014, 07:57, par Kizito
Nukuri Ibyo Muvuze Birashika.Abakobwa Bakunda Kura Ubutumwa.
16 Rusama 2015, 22:19, par Bikorimana Richard
Ivyo vyose n’ukuri iyo mufise ivyo vyose ,kandi biratuma mubana neza imyaka yose
4 Ruheshi 2015, 11:40, par Ndikumasabo Godefroid
Ivyo vyose nivyo mais naho mwobigira mudasenga Imana ntivyotuma urugo rwangu ruguma.
21 Mukakaro 2015, 22:49, par Nikundana
Mfite umwigeme dukundanye ariko akavugako nobanza kurondra amafranga mumpanuye ik?
23 Mukakaro 2015, 23:40, par nindorera p sun (pascal)
ubu umugore arashobora kuba ashaka uwundi muri ico gihe wokora iki?
2 Myandagaro 2015, 09:50, par Egide
None Nkiyo Mukundanye Mukiri Aba Jeune Ariko Ntimwigere Muryamana Hoho Urukundo Ruba Rwubatse Neza?
13 Nyakanga 2015, 01:57, par Nkurunziza Denys
Abategura Kubana Nabo Bokwigenza Gute?
9 Gitugutu 2015, 21:50, par Rich
nn iy umukunz waw akbwiy at ndagutiny iy ndakuravy mu mas nca numv mfs amasni vyovy nibk cnk vyhra gt ?
9 Gitugutu 2015, 21:52, par Rich
nn iy umukunz waw akbwiy at ndagutiny iy ndakuravy mu mas nca numv mfs amasni vyovy nibk cnk vyhra gt ?
2 Ntwarante 2016, 18:56, par Schadr
iyo mukundanye nivyo kuyaga muhuza nivyo bigize urukundo nyakuri.
14 Ntwarante 2016, 14:38, par Adela Ndayishimiye
Jewe dukundanye N’umukobwa Twokora Ibiduhimbara
8 Ndamukiza 2016, 20:49, par Mugisha
umukunzwaw iyo mudakundakubonan brtuma urukundo ruramba?cank ruratituka
17 Rusama 2016, 21:13, par Diego jay Niyonkur
Nivyiza kandi iyo abakundany basokey ahantu bikwiy ko bokwibukany bakigira no kubavyi bambere bashirana mur vyose.
30 Rusama 2016, 13:38, par JUSTIN RAFIKI
njewe ukombibona ibyobyo bisaba ubwunvikane kuribombi
5 Mukakaro 2016, 22:08, par Diego jay niyonkur
nivyo urukund rurabagarirw nkibiterwa niho ruramba.
10 Mukakaro 2016, 09:59, par Elyse Nsengiyumva
None Murukundo Mwo Tegurana Gut? Kugirango Ntimuzohagane 2 Uri Umuhungu Nivyiza Gukundana Na Benshi Ukaza Urarya Ikiruri Gusa?
29 Myandagaro 2016, 20:46, par medy
iyo ufise umukunzi mugihe mutarakoro mariage mwakora imibonan mpuzabitsina kugirmukoze mwizeranye.
22 Nyakanga 2016, 21:08, par lovable honesty
gusambana nikirori haryosh ik?k vyose usohora
4 Gitugutu 2016, 08:53, par Irakoze Jean Marie
Harakobwa Wokorera Ivyovyose Ntibagiramapeti Yokuranguramabanga Yabubatse Babuzik?
9 Gitugutu 2016, 00:46, par samuel
nisawa nagomba mumpe inyigisho zabakundanye
23 Munyonyo 2016, 20:26, par jerome
j nashak kumeny ukunt umeny umukobwa agukunda vyukuri
27 Kigarama 2016, 12:54, par Issa Nanone
Jyemfite akabazo.misiyose umukunzi wanjye turikumw umenga ntiyishimwe.ndagerageza akamwenyamwo rimwe ubundi ukamenga afite ibibazo.
20 Ndamukiza 2017, 20:25, par Christa Uwimana
Murakoz Kunduhanur Ahubwo Nimutwoger
24 Ndamukiza 2017, 14:38, par GABRIEL NTAMPERA
NUKURH URURUBUGA RUMBEREYE URWAMBE MUGUTANGA IMPANURO ,HAMWEBOSE BOKWISUNGA IZIMPANURO NTANTAMBAMYI ZOSUBIRA KWIYADUKIZA MUNGO ZUBATSE
2 Ruheshi 2017, 22:11, par Juvenal
NUKURI MURATANA IMPANUROPE NDABASHIMINUKURI MURATANA IMPANUROPE NDABASHIMIYE
16 Ntwarante 2018, 07:15, par Divine
Jew Ndafis Umukunzi Wanje Wumuhungu Dukundany Sana Jew Arambwir Yuko Ankunze Nkavyemer Mugo Wew Ndamubwiy Kondamukunda Ntavyemer Ngo Ndabimwereke Wumv Nobimwereka Gut?Kand Muvy Mwavuz Womwerek Kumukunz Ntavy Ndamwerek Ndabimubwir Gusa Ntavyemera Wumv Nobimubwira Gute? Cank Nobimwereka Gute?
26 Rusama 2018, 16:43, par Vianney
jew mfis’umukobwa dukundanye ariko ndamusavy’umwanya ukwiye ntanyemerera ariko abagenzi bakambwira ngo ndamuheb ngwakunz’abandi mwompanur’iki?
31 Rusama 2018, 10:22, par Sibomana Joachim
murakoze Inkuru Mutanga Zirigisha Nukuri