IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ibinyamakuru vy’Urwanda n’Ubuganda biriko bipfa ubwenegihugu bwa Miss Rwanda (...)

Ibinyamakuru vy’Urwanda n’Ubuganda biriko bipfa ubwenegihugu bwa Miss Rwanda 2015

mardi 24 Ruhuhuma 2015

Ibinyamakuru vyo gihugu ca Uganda biriko bimenyesha ko NKUNDWA Doriane yatowe kuba Miss Rwanda 2015 afise ubwenegihugu bwo mu Buganda, eka n’amashuri yayize muri Uganda

Umwigeme NKUNDWA Doriane aherutse gutwara ikibanza c’umwigeme aserukira Urwanda "Miss Rwanda 2015" bivugwa ko avuka mu gihugu ca Uganda ahitwa Bugolobi mu gisagara ca Kampala. Kimwe muri ivyo bimenyeshamakuru citwa Big eye cemeje ko Doriane Nkundwa yize amashuri mato n’ayisumbuye mu Buganda. Ico kinyamakuru kiratomora ko yize Kaminuza ya Makerere University.

Ico kinyamakuru bidandanya kivuga ko Doriane agiye no gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante kwigina iyo ntsinzi y’Umuganda yatwaye Miss Rwanda 2015, hamwe n’incuti n’abagenzi biwe ahitwa Springs Hotel mu gisagara ca Kampala.

Ikinyamakuru Red PEPPER naco nyene cemeje ko NKUNDWA Doriane avuka muri Uganda ko n’amashuri yayize aho muri Uganda nyene.

Umunsi NKUNDWA Doriane yambikwa ikanga rya Miss Rwanda 2015, ikinyamakuru IGIHE gikorera mu Rwanda cavuganye na se wiwe yitwa KANUMA Gaspard aho yashikiriza umunezero wo kubona umukobwa wiwe ahawe iteka nk’iryo, uwo yavuze ko yizeye ko umukobwa wiwe agiye kuzobandanya ahesha icubahiro igihugu ciwe c’Urwanda. Uwo se wa NKUNDWA, ariwe KANUMA Gaspard aremeza ko umwana wiwe ari umunyarwandakazi, ko n’abavyeyi biwe ari abanyarwanda.

Laurent MAKUZA ajejwe iterambere ry’imico kama n’inkino yemeza nawe ko uwo mwigeme ari Umunyarwandakazi, kuko kugira ashigwe no ku rutonde rw’abahiganwa habanje kuba amatohoza, kuko ubwenegihugu bw’Urwanda cari kimwe mu vyafatirwako kugira yinjire mw’ihiganwa. Uwo mushikiranganji ntatahura iyo ubwo bwenegihugu bwa Uganda buvuye inyuma yo gutorwa kwa NKUNDWA kuba Miss Rwanda 2015.

JPEG - 36.4 ko
Nkundwa Doriane n’abavyeyi biwe

Laurent MAKUZA avuga ko abemeza ko NKundwa Doriane ari Umugandakazi atazi icemeza bafise, kuko ari Umunyarwandakazi kandi akanavyerekana. Kimwe mu bintu vyerekana ko NKUNDWA ari Umunyarwandakazi, akaba aruko afise ibimuranga ko afise ubwenegihugu bw’Urwanda".

Uwo mushikiranganji asaba ko abanyarwanda batorazwa ishinga n’ivyo vyanditswe n’ibinyamakuru vyo mu Buganda.

Amakuru ava mu Rwanda avuga ko NKUNDWA Doriane w’imyaka 19 yahejeje amashuri yisumbuye mu mwaka uheze i Kicukiro mu gisagara ca Kigali.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.