Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibirangurwa n’igihugu c’Ubwongereza birashimwa mu Burundi
Ibirangurwa n’igihugu c’Ubwongereza birashimwa mu Burundi
mercredi 4 Kigarama 2013
Ben Llewellyn Jones yahora asarukira igihugu c’Ubwongereza mu Burundi, yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu aho yari yaje ku musezera kuko ikiringo ciwe co guserukira Ubwongereza mu Burundi, kizohera mu kwezi kwa Nzero, umwaka w’2014.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu rero akaba ashimishwa n’ivyaranguwe na Ben Llewellyn Jones, ndetse akavuga ko n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubwongereza yifashe neza. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri akaba yavuze ko igihugu c’Ubwongereza gifasha cane mu migambi y’iterambere, aca atanga akarorero k’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori OBR, aho igice kinini gitangwa n’igihugu c’Ubwongereza, eka kandi ico gihugu kikaba
carafashije mu kwubaka ivuriro ry’ikaruzi, urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Mpanda n’ibindi.
Ben Llewellyn Jones amenyesha ko agiye kubandanya avugira Uburundi aho azoba a ri, akavuga ko umwanya amaze amaze aserukira Ubwongereza muri aka karere, yabonye impinduka y’ibintu bimwe bimwe, na cane cane ku bijanye n’ibiturire naho impinga ikiri ndende. Ubu akaba agiye kubandaniriza amabanga yiwe mu gihugu ca Nigeria aho agiye guserukira Ubwongereza muri ico gihugu.


IGIHE