IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro vy’umuhuza vyemeye kuronderera imfashanyo abahuye n’imvura

Ibiro vy’umuhuza vyemeye kuronderera imfashanyo abahuye n’imvura

mardi 29 Mukakaro 2014

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara avuga ko hagiye gutangura amatohoza ku bantu batakigira aho bakika umusaya kubera imvura yaguye mu kwezi kwa Ruhumhuma mu Gatunguru.

Ivyo umuhuza w’abarundi akaba yabishikirije inyuma y’aho bamwe muri abo bahuye n’imvura yaguye mw’ijoro ry’uwa 9 rishira uwa 10 Ruhuhuma uyu mwaka, mu makomine ari mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco, igatikiza inganda, hamwe n’ibintu vyononekaye bamariye iminsi bari imbere y’ibiro vy’umuhuza. Abo bahuye n’ivyo vyago rero, bakavuga ko bakeneye kugarukirwako, mu gihe ataco iyo mvura yabasigiye mu mihana iwabo, n’amazu babamwo yasenyutse.

Mohamed Rukara, akaba yamenyesheje ko hagiye kugirwa amatohoza ku bantu bahuye n’ako kaga k’imvura, kugira ibiro vy’umuhuza bitangure kudodora aha na hariya, birondera imfashanyo z’abo bahuye n’iyo mvura.


Aristide Nizigire

Messages

  • Aragapfa atarumuhuza niyirire amahera yugare iyo cabine ’ubu niho yobutse kuja gusaba ifashanyo??kare yabona babayeho batuze??ariko imana yaremye abaDD yafashe ahari umutima ihashira inyo ?ntivyvikana ingene umuntu agana gurtyo avuga ivyo murateye,isoni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.