IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaratanze imfashanyo y’ibikoresho vyo (...)

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaratanze imfashanyo y’ibikoresho vyo kwunga

vendredi 23 Myandagaro 2013

Biciye k’umuhanuzi ajejwe ivy’imibano mu biro vy’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaratanze imfashanyo y’ibikoresho vyo kwunga no kubaza, kw’ishirahamwe ry’imyuga no kwubaka (Asameba), Ivyo bikoresho vyatanzwe, bizotuma ibikorwa vy’iryo shirahamwe binyaruka gusumba.

Umukuru w’iryo shirahamwe ry’imyuga, Asameba (Association des métiers en bâtiment) Arhemon Nduwimana, yarashimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ku mfashanyo yahaye ishirahamwe. Yaribukije ko ishirahamwe Asameba ryatanguye mu mwaka w’2008 rifise intumbero yo gufasha urwaruka gutegura imbere kazoza keza, no kurwanya ubukene n’ubushomeri kubadafise ubuzi. Iryo shirahamwe riratanga inyigisho kubijanye n’imyuga rugafasha no kuronderera akazi abo baba baronse izo nyigisho.

Inyuma y’ibikorwa bakorera muri Asameba, abanywanyi babo barafashanya, bagashigikirana iyo hagize ingorane z’indwara ziyadukiza. Iryo shirahamwe rikaba ryarafashije cane urwaruka rwaho mu gutera imbere. Ibikorwa bihakorerwa, ni nk’ivyo kwubaka, ibijanye no kubaza kwunga n’ibijanye no gukora amazi. Nduwimana Arthemon yamenyesheje ko abagera kw’ijana na mirongo itanu, bamaze kwiyandikisha mw’iryo shirahamwe. Ariko, uburyo n’ibikoresho bigikenye kugira barushirizeho gufasha urwaruka gutegura kazoza keza.

Gabriel Kabura, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ivy’imibano, yamenyesheje ko imfashanyo yatanzwe mu ntumbero yo gushigikira amashirahamwe no guhimiriza abantu kuja hamwe kugira Leta ishobore kubafasha mu bijanye n’uburyo. Iyo mfashanyo izofasha kandi iyo shirahamwe Asameba kurwanya ubukene kugira ishobore kwikenura. Yarangije avuga ko Leta izobandanya ifasha amashirahamwe arondera iterambere ry’igihugu mu bijanye n’ubutunzi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.