IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye gutahanwa

Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye gutahanwa

vendredi 13 Ntwarante 2015

Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye guhamburugwa kugira bitahukanwe mu Burundi, aho bazomufubana iteka.

Inyuma y’aho abategetsi b’Uburundi basabiye igihugu c’ubu Suisse kugira kibahe uruhusha rwo guhamburura ibisigarira vy’Umwami Mwabutsa yafubwe muri ico gihugu, umwe mu bishwa bw’umwami Mwambutsa, Esther Kamatari, we akaba yari yavyiyamirije, ndetse aranitwara mu butungane. Ku bw’uwo mwishwa, mw’iragi ry’uwo mwami, yari yarasavye ko yohambwa mu gihugu c’ubu Suisse aho yarasanzwe aba.

Imbere y’ubutungane bwo mu gihugu c’ubu Suisse, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2015, umukobwa w’umwami Mwambutsa Rosa Paula Irigabiza na Collette Berete Uwimana, babandanije basaba ko ibisigarira vy’umuvyeyi wabo vyotahukanwa i Burundi, ku bwabo umwami n’uw’Uburundi ntakwiye kuguma ahambwe mu gihugu kindi.

Inyumya y’imyaka ibiri ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa bihamburuwe, ubutungane bwo mu gihugu c’ubu Suisse bukaba bwamenyesheje ko bugiye kwifatira mu minwe ico kibazo co gutahukana ivyo bisigarira, ko vuba bagiye gusohora ingigo kuko ico kibazo kiriko kiracanishamwo uwo muryango.


Alida Sabiteka

Messages

  • Birababaje kubona hariho abantu bavugako bakunda uburundi bakavugako mukuvyerekana kobabukundakuruta abandi kwarukujamwibarabara kwiruka bakaba batarigera bajamwibarabara kubwoguharanira ko umubiri wuwari umwami wuburundi usubizwa mugihugu ciwe camavukiro, kandi yabere umwami waco, ekanubwo twamushavuje akavugako apfuye adakwiye kuzofubwa Burundi icocarikiyumvirociwe mugabo natwe yaribereye umwami wigihugu cacu kandi yaru Mwami kubwinezayacu abarundi dutegerezwa kumugirako uburenganzira nacanecane kumufubana icubahiro ntangere tutabikoze nimivumo gusa kuritwebwe abarundi twese. Bimwe murabibona kodusigaye tubonako iterambere rizozanwa mugihugu cacu nokwirirwa turiruka mwibarabara nukwonyene imifumo atangura gufata abantu.

  • wewe wiyita nuwera ivyo uvuga nibiki kandi mwaram,womoye hiiiiiii murondera iki ? murondera amahera urazi ko muyakunda nokugurisha abana nabagore banyu muzohava mubigira.

  • @ Jonas, guhagaciro uwari umwami wigihugu canje bitumwe ndonka amahera jewenumva ntakosha ririmwo, nakare munyandiko yambere nanditse nababwiyeko kugumiza umubiri wuwari umwami wigihugu cacu numuvumo kuritwebwetwese abatundi muruwomuvumonyene harimwo nubukene ubukenenabwo harimwo nokubura ayomahera, urakozekunshigikira ko kuzana gufubana agateka umubiri wuwari umwami wigihugu cacu ko vyoduha amahera, urumvako yamivumo nakubwira koyobituvuyeko mugihe nawewe ubivuzeko komuzana tukamufuba mugihugu ciwe camavukiro yabereye umwami vyotuma turonka amahera imivumo yubukene ikatuvako.

  • Niyumvirako Bomuzana agahambwa mu gihugu c’amavukiro

  • Nuko-yojamugihugu-camavuko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.