IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibitigiri vy’abahutu n’abatutsi bari mu nzego z’umutekano bigiye (...)

Ibitigiri vy’abahutu n’abatutsi bari mu nzego z’umutekano bigiye gusuzumwa

mardi 13 Gitugutu 2015, par egide

Inama nkenguzamateka yatanguje kuri uwu wa mbere ibikorwa vy’umurwi udasanzwe ujejwe gusuzuma namba inzego z’umutekano zirimwo ubwoko bwose ku rugero rutegekanijwe n’ibwirizwa shingiro. Uwo murwi udasanzwe w’inama nkenguzamateka ufise ikiringo c’iminsi mirongo itatu kugira uzobe wamaze gushikiriza icegeranyo.

Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rivuga ko mu giporisi no mu gisirikare, abahutu n’abatutsi bategerezwa kungana ku bice 50 kuri 50 kw’ijana, aho mukumva ko ubwoko bw’abatwa ata kibanza buhafise. Igikorwa nk’ico c’ugusuzuma namba inzego z’umutekano zirimwo ubwoko bwose ku rugero rutegekanijwe n’ibwirizwa shingiro kikaba caheruka gukorwa mu mwaka w’2008. Uwo murwi wahawe ico gikorwa ugizwe n’abakenguzamateka icenda.

Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, yibutsa ko ico gikorwa kiri muvyo inama nkenguzamateka ijejwe, mu bijanye n’ugusuzuma ko mu nzego z’igihugu ubwoko, igitsina hamwe n’intara biserukirwa ku rugero rutegekanijwe mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

JPEG - 84.4 ko
Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi

Mu gihe hari haheze imyaka indwi iryo suzuma ribaye, Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi asigura ko hari hageze ko igikorwa nk’ico gisubira kuba, kugira inama nkenguzamateka isubire kuraba namba ubwoko bugiserukiwe hisunzwe amategeko, muri ivyo bisata vy’inkoramutima ku buzima bw’igihugu, kuko umutekano ariwo mushinge wa vyose.
Mu mwaka indwi iheze ico gikorwa kibaye, hashobora kuba harahindutse ibitari bike, nk’abaja mu karuhuko k’iza bukuru badategerezwa kugenda ku rugero rungana.

Tubamenyeshe ko uwo murwi uzoraba kandi ingene abasirikare n’abaporisi barungikwa kwiga hanze, n’ingene barungikwa mu bikorwa vy’ugucungera amahoro mu bindi bihugu.

Uwo murwi w’abakenguzamateka icenda ufise iminsi mirongo itatu kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Gitugutu 2015, kugira uzobe wahejeje ico gikorwa.

IGIHE

Messages

  • Atabariho.Bace.bashiraho.Abatariho.???

  • ayo macakubiri muri kuzana mugihugu.mbe nigihugu camacakubiri yamoko abiri gusa?abatwanabo na baganwa nabarundi??sha reveriyano tubwire abandi dusigayeko tutari abarundi?

  • Hanyuma nibasanga ibitigiri bitagihuye naho bazoca birukana abarengako canke bazoca babica ? Ivyo mu burundi ntawubizi ?

  • Muraturebera ntihagire ubwoko burenganwa nkongahohakurya Rwanda usanga nkaba Generals 20 ugasanga nubwokobumwe gusa. Mugabo rekanibarize uwariwewese mubarundi berewacu nimba ubwoko bwabatwa budafuse purusantaje yabatwa bakwitekuja munzego zumutekano baryabari mugi polisi nomu gisoda baharurwa kobavuye muyuhemurwi mwiyo ibiri igizwe nabatutsi nabahutu? Canke namba nimba uburundi bufise abasonda ibihumbi 33 mwarafashe mugaburira nakabiri abahutu nabatutsi ibihumbi 30 vyabasoda hanyuma muravugati ibibihumbi 3 nivyabatwa? Ndasavye komurikazoza muzokwucare mubwitonzitangere mudutunganirize icokintukijanye nabatwa nubwomwovugako bafise 1% vyodufasha twararahiyeko tutazosubirinyuma mugusabikanya ivyinzego zigihugu kandi biratunezereza cane.Kundamugenziwawe nkuko wikunda iryo nibwirizwarimwe mumabwirizwa 10 y’Imana.

  • Komera mutama nano Bose bihaye in IRA youRwanda bace basubizwa abandi burundi bumutima muzoba mukoze cane

  • Komera mutama nano Bose bihaye in IRA youRwanda bace basubizwa abandi burundi bumutima muzoba mukoze cane

  • Komera mutama mugisubiremwo iconicttwaharaniye, baciye umugani bati uwundatinya ishamba ntabazi icobarihuriyemwo!!!"""

  • Komera mutama ahoniho twaharaniye kuko uwutazi ishamba ntabazi icobarihuriyemwo. Uwuzovuga nawe ngo namacakubiri ateshwe ate amacakubiri ngaho late kikiri c’ubwoko bamwe ntavuze nayubuho ngira 13/5/2015barabibonye ko hatabaye 30/9/1993 ntigwitaha basha.

  • BANGW BANGW!!IVYO MU MAZ IMISI MUGIRA TWARAVYUMVISE,ITANGAZO MWASOHOY IGIH U.E IFATIY IBIHANO 4 MUR MWEBW MWIBAZA AMATWI KO TUYAFISE?IVY’ABATUTSI N’ABAHUTU MUBIZANA MUR IKIGIH MWATANGUY GUCANISHAMW ABANYAGIHUGU MWIBAZA KO TUR IBIJUJU!TESHWA MUTE IVYO MUZOBIGIRA PETER BAMUMATUY KUR 3EME MANDAT!

  • Freedom abaganwa ni abatutsi,muri 72 mwatwicira hamwe ntaco twabonye umuganwa yakoreye umuhutu.

  • Bangwe, bangwe bahungu! gezaho gezaho! reka reka ! Oya nukuri ndavyase gezaho! Sigaho sigaho!

    Akataretse kaba gasema, kandi kaje ntikazira umwe!

  • Ntamuhutu ,ntamututsi ,ntamutwa ari mu Burundi hari Abarundi n’Abarundikazi nuko bimeze nomunzego z’umutekano.

  • nibaza ko ari n-intumbero yo gusubira kwubaka inzego zisanzwe zidagihagaze neza muri izi ndyane za politike.

  • ngo: "baciye umugani bati uwundatinya ishamba ntabazi icobarihuriyemwo !!!"""
    mbega banewacu noneho mwarataye ubwenga n’akaranga murafutanya, erega ntagitangaje ko n’igihugu mutamenya agaciro kaco kuko vyose muvyirabishako mwenyene! umviriza uyu mwibutsa basha murake kudabanganya n’akaranga basokuru badusigiye ariko ngira usanga mwawuhinduye kuko boba barababwiye ko uwawuciye atari uwo mu bwoko bwanyu musanga ibihuye nubwo bwoko mushira imbere ni ibi bishasha!bavuga bati :"Umuntu ntatinya ishamba atinya ico vyarihuriyemwo."nuko rero ntimushire imbere abarushije abandi kumywa iyo ngaburo y’amacakubiri ngo nibo bazoshitsa ku ntambwe ubwoko bwabo, ntaho ubwoko buzokwigera bumererwa neza Igihugu kiriko kirakwama, ronderera ineza ya bose hamwe niho muzohezagirwa mwese nayo abo bicanyi bazokwegera umuvumo igihogu cose nibatahinduka kandi abazoba ari benshi mu gihugu nibo bazohaburira vyinshi.
    menya neza! uwutaco afise ntaco azohomba, uwufise bike azohomba bike, nawe uwufise vyinshi nibaza ko atazoshobora kubikingira vyose.
    vyari bikwiye rero ko dushira nako mwebwe mwatsinze amatora mushiraho icuka ciza kugira mubandanye kubaho neza ariko n’abandi babeho buke buke. ahandi hoho, ha akataretse kaba gasema ndabarahiye. ubwo bwoko bwo mu gisoda n’igipolisi nibaza ko reveriyono atazitwararitse ngo akingire abo azosanga bafisemwo inkehwa, afise izindi nzira bafatanije na bakurube mu ntumero yo kumenya cane cane ababayoboka mu mugambi wabo n’abatabayoboka kugira bamenye abazobashigikira mu gukomeza intaro y’akiganzo n’akagaye ku barundi n’abarundikazi bashaka ibitunganye biroranye n’amategeko. bonne chence mr rêve rien.

  • sha fidelite twikubite agasha twiyuvire imana yaremyumuhutu numututsi gusa?mu burundi.jw ndumuhutu arko iconzi gusa ndikiremwa c imana yaremye sinz ivyubuhutu cagwa ivyubututsi ivyo bikurikira abarondera amaronko nkawewe jw sihondi jw nkundu burundi na barundi gusa nabazana iterambere n amahro gusa

  • Nikuki Abatwa bakumiwe kurico gitigiri 50% ca moko ni mubibuke canke mwa tinye ko bazi gutumbereza.

  • Bashaka kwinjiza imbonerakure.zimese abatuts kuva mu gisoda gushka ku munyagihugu.attention

  • Ibitigiri vyayu turabimenye imzize imbonerakure mugiporisi nomugisirikare mubashe kwica abanyagihugu

  • @liberte
    nta mwanya wo kwiyumvira imana mfise,yari he igihe abatutsi mwatumarira abacu,kubaga umugore afise inda umwana mugata hanze,gutungira imigano abahudukazi,gushahura abahungu n’abagabo,guturira abahutu mu ma pine,hari ibiremwa vy’imana vyogirirwa ivyo,iyo mana yigumirize.

  • Mbga uwo mugwi wabaknguza mateka,ntuzohava uhengamira kubwoko bumw!!??basanz ubwoko bumw ari buke,bizohza bignd gut?

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.