IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibituro vy’ama Bus vyasubiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura

Ibituro vy’ama Bus vyasubiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro guhera kuwa mbere italike 25 uku kwezi kwa Ruhuma 2013. Yafashwe n’umugwi ujejwe kuraba umutekano kw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igacika umunyota.

Umuvugizi w’igipolisi niwe yasomye ingingo zafashwe n’umugwi ujejwe umutekano kw’isoko nkuru ya Bujumbura kuva aho ihiriye n’ivyarimwo vyose bigacika umunyota.
Elie Bizindavyi yavuze ko imodokari z’ama Bus zunguruza abantu zibakura canke zibazana hagati mu gisagara ca Bujumbura zizohora zihagarara mu kibanza zahoramwo imbere y’uko isoko. N’ukuvuga iruhande y’isoko nyene.

JPEG - 13 ko

Ariko ngo kugira umutekano ugume ucungerewe neza, Elie Bizindavyi yavuze ko hariho amabarabara amw’amwe azoguma yugaye nk’irica imbere y’ahahora isoko iruhande yahoo bita kuri Plazza. Yavuze ko ata muntu n’umwe yemerewe kwinjira mu bisigarira vy’isoko nkuru ya Bujumbura.

Ikindi naco n’uko atamangazini n’imwe yemerewe kwugurura iruhande y’isoko naho yoba itashikiriwe n’umuriro watikije ivyari mw’isoko vyose. Abapolisi ngo bazoguma aho yise ‘’Perimetre de securite’’ n’ukuvuga mu kibanza cegereye ahahora isoko ariko hagikingiwe kubera imvo z’umutekano.

Yasavye abanyagihugu kubahiriza izo ngingo mu ntumbero yo kwikingira kuko ngo ahahora isoko hari ibintu vyinshi bishobora kubangamira amagara y’abantu, nk’imyotsi, ibicupacupa, ibidandazwa vyababutse, ibihuzu binuka n’ibindi vyinshi atarinze kudondagura.

Ikindi umuvugizi w’igipolisi yasavye n’uko amantu batwara amapikipiki bosubira kubahiririza ibibanza babujijwe gushikamwo. Elie Bizindavyi yamenyesheje ko abo batwara abantu ku mapikipiki bari bamze igihe bihaye ububasha bwo gushikana abantu hagati mu gisagara ca Bujumbura kuva aho isoko ihiriye. Avuga ko umumotari azofatwa asubiriye kurenga ibiraro vy’inzuzi ziri hirya no hino yo hagati mu gisagara ca Bujumbura bazohanwa bikomeye.

Abanyagihugu bari bamaze igihe bidoga ko baruha bagiye gufata amamodokari abatahana, canke iyo miduga ikabasiga kure y’igisagara. Imodokari zija mu buraruko zari zimuriye ahegereye isengero rya Saint Michel, izija mu bumanuko nazo zari zimuriwe hafi ya Cathedral Regina Mundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.