Ibiziga bibiri vyahora mu ruzi Mubarazi vyakuweyo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 Myandagaro 2016 saa 03:43
Yasomwe : 53127
0 0

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka bakuye mu ruzi Mubarazi ibiziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi. Ivyo biziga vyatwawe mu buruhukiro bw’ibitaro vya Muramvya, mu kurindira ko ababijejwe batangura ibikorwa vy’ukurondera imyidondoro yabo (identification)
Ico gikorwa c’ugukura ivyo biziga mu ruzi Mubarazi cakozwe kuri uwu wa kane, imbere y’abaserukiye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko (...)

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka bakuye mu ruzi Mubarazi ibiziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi. Ivyo biziga vyatwawe mu buruhukiro bw’ibitaro vya Muramvya, mu kurindira ko ababijejwe batangura ibikorwa vy’ukurondera imyidondoro yabo (identification)

Ico gikorwa c’ugukura ivyo biziga mu ruzi Mubarazi cakozwe kuri uwu wa kane, imbere y’abaserukiye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo akwije indwi zitatu yaraburiwe irengero.

Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe.

Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo yazimanganiye i Bugarama. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.


Kumenyekanisha

1
Melchior 14-08-2016 à 20:41

Ivyobiziga turagowe

2
Mugisha 14-08-2016 à 17:27

Turahojeje,imiryango yabuze.abagabo ngabo barabamaze,eri iri ni ihonyabwoko.ko batumariye abagabo bacu,tuzoyabirwa nabande?uburero nibwo bugabo buriko burahayagizwa.erega mwe mubigira harico mutazi,so ariwe satani arabahenda,ndazi ntazobatabara.ntimuzosubire kuza gutukimana ngo mugiye gusenga,nasoni,muza gusenga iki gende gusega satani,vyanditsehe aho uwanka mwene data yoza gupfukamira imana?

3
NDIKUMANA CLAUDE 13-08-2016 à 18:14

MPOJEJE UMURYANGO WABUZE ABO BATANKA.IMANA IBAKIRE .

4
Nduwayezu 13-08-2016 à 12:05

Mpore Imana Ibakir Neza Mbega Ubwicanyi Buzohera Ryri

5
Nduwayezu 13-08-2016 à 11:55

Yo"o Emwe Ighugu Cuburundi Nidukovye Gusenga Nayo Ahndi Ho Vyoyangara Arko Imana Niyo Nkuru

6
Nduwayezu 13-08-2016 à 11:54

Yo"o Emwe Ighugu Cuburundi Nidukovye Gusenga Nayo Ahndi Ho Vyoyangara Arko Imana Niyo Nkuru

7
NYANDWI BONAVENTURE 13-08-2016 à 06:22

PORE;IMANA IBAKIRE;IREMESHE BENE BO N’ABAGENZI BA BO

8
Elvis 12-08-2016 à 18:33

Mamaw ivyi Burundi biragoye kweli mugabo tuguma dusaba Imana idufashe muri vyose kandi turizera ko izobikora.

9
###### 12-08-2016 à 18:17

NONE UWOMUMENYESHAMAKURU BAMUHORAIKI?

10
NSENIYUMVA LOUIS 12-08-2016 à 17:04

NONE AMATOHOZA AGEZEHE KUBIJANYE NURUPFU RWABO BANTU

11
Kanyosha 12-08-2016 à 16:39

@ Nyamivumbi, narikugushavurira iyoyaba utarimusi y’Ijuru, kuko ahobukerara ibivyaribimaze imisi mu Burundi bizoshikira abo uriko uravuga ngoturabarenganya kandi icohihe nicagera niryozina wakoresheje mukwandika uzocurihindura.

12
Karegeya 12-08-2016 à 15:28

Jewe kabisa ndumu DD ariko haheze indwi ndayihevye kuko sinoguma ndikumwe nabicanyi kabisa nagombasabe benewacu basigayeyo bumvakamo ndabateye nimuhebe mute muve murakokajagari kumugambwe ngoni DD kuko uyumunsi ni opposition ejo abatari muri opposition bazoshikigwa, igihugu cu brndi nigito kandi tuvugururimi rumwe ndibazako hamwe twidondoranye twosanga bamwe bariko barihekura kandi abobatuma kwica babe babibatuma mufise itike mumufuko ryokubahungana kuko ndikondaraba birafise ahobizoherera

13
NYAMIVUMBI Francois 12-08-2016 à 10:12

Abarundi mube abagabo rwose mureke kuba abaswa.
Kuvuga umuyobozi wi ikindi gihugu ngo niwe wabateje
kwicana. Ufite ubwenge yumva ko mudashoboye kwiyobora.
Ahubwo rero mureke kwicana rwose kuko sinzi ibyo ziga2 mwakuye
mu ruzi mwafashe uwabyinshe ? Niba yafashwe se mwasanze uwo
mubeshyera yageze iburundi? Icyaha cya abarundi se cyabazwa
Urwanda? Urwanda ruramutse rwabazwa ibyo nta buyobozi mwaba
mufite. Niba mubufite se bwo bwa zabazwa iki se? Kujya mu nsengero
gusa? Igirikare igipolice abashizwe iperereza ry’igihugu byazabazwa iki?
Na amayobera kubarundi. Izo nzengo zaba zikora? Niba zikora yaba ari ikibazo
zifite yaba ari Baringa mufite

14
ciza.pascl.mwumba.ngozi 12-08-2016 à 09:05

turahojeje.imirya.yabo.nayo.uwo.yiyita.bosi.ntabwenge.afise.yashatse.kuvuga.ko.perezida.arisatani?..wewe.numweranda.?umucamanza.niyesu.

15
FNL Tsinda 12-08-2016 à 09:04

None Mubarazi nayo iri hafi n’u Rwanda?hama ngo Rweru ibi n’ibi,ntimubona ko uwubica akabata mumazi ari DD niyo imaze abantu ntawundi

16
Hicuburundi 12-08-2016 à 05:54

Ehe sha ibikorwa biraje ishinga DD ivyo nivyo yazaniye abarundi! mbe Pascal Nyabenda na Nzobonariba ko ntaco baravuga?n’ubu ni U Rwanda?hhhahah

17
tari 12-08-2016 à 02:08

Kagame yaraduhenze ngotugitagure benewacu abarundi ngovyovyobizomufasha kwaga igihugu Nkuru naba DD none tubuzevyose nkingata imenye. Ntakundi .

18
Muco 11-08-2016 à 23:38

Mwabanyagihugumwe Reka Nkurumbi Abate Munzuzi Nimwe Ahenda Ngo Na Mahoro Namwe Ngwime Ubitse Ikara Mumpuzu Ibikurikira Uravyumva Nyabu ONU ninyarukane othani nayahandiho imana yimwumba iratumara,

19
umuhire sandrine 11-08-2016 à 21:47

mana data watwese uri mwijuru izina ryawe ryubahwe ibyo usha byose ko biba bibe mbere yabyo ndagushimye uburyo wandinze wandinze abagizi banabi bamvutsa ubuzima wampaye icyubahiro nicyawe none mana imbabazi kubicumuro byanjye byose none rero mana ndakweretse abana bawe bishwe urwagashinyaguro warabibonye uri mwijuru ndetse nabo warababonye abo babishe mwami wanjye ndazi uzaca urubanza rubereye gusa ubahe uruhuko ridashira gusa birateye agahinda kubona umuntu yicwa rubozo menga wafatikanyije nabo kubarema imbabazi zawe zibabeho urakoze ko wummvishe gusenga kwanjye Amen

20
Dumbuli 11-08-2016 à 18:58

Barundi bashingantahe ibi ni akamaramaza bifise ibyabiteye, umunsi umwe bizohera, burya aba bazize iki ubikora wewe azogumaho igihe cose azobibazwa ni abandanye mugabo.

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha