IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibwirizwa shingiro ryasubiwemwo ryitezwe muri uku kwezi kwa (...)

Ibwirizwa shingiro ryasubiwemwo ryitezwe muri uku kwezi kwa Ntwarante

mardi 18 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana amenyesha ko ibwirizwa shingiro ryasubiwemwo rishobora kwemezwa imbere y’uko uku kwezi kwa Ntwarante guhera.

Gushika muri uku kwezi turimwo kwa Ntwarante, ibwirizwa shingiro ryasubiwemwo rizoba ryemejwe. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana ashikiriza ko yizera ko muri uku kwezi kwa Ntwarante, ibwirizwa shingiro rizoba ryahejeje kwemezwa n’abashingamateka, bitagenze ukwo umukuru w’igihugu c’Uburundi akazofata izindi nzira, nk’ukurirungikira abanyagihugu kugira baryemeze, canke barihakane (referendum), ariko Edouard Nduwimana akamenyesha ko yizera ko inama nshingamateka izokwemeza iyo nteguro y’itegeko, mu gihe naho batokora igikorwa bajejwe akaba ariho hazoca hakoreshwa inzira y’abanyagihugu ariyo "referendum".

JPEG - 28.7 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umugambwe UPRONA usanzwe ugira kabiri muri Reta ntiwemera ko iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro yorungikirwa abanyagihugu. Muri UPRONA irongowe na Concilie Nibigira bizera ko iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro ryasubiwemwo ko rizokwemezwa n’abo baserukira abanyagihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Abanyagihugu twari twiteze ingingo ifatwa n’Inama nshingamateka none ubu ni twebwe tugiye gukora icogikorwa?Ishahara boba bayibahera iki?nibaza ko babatoye babizeye.

  • Muraciye ubwenge kweri!!!kubera muziko abenshi batize muzobahenda bakemera mugiye kugira referendum!Murariha abize gusa babanze barisome hanyuma batore turabe!Muratwenza!

  • ibwirizwa shingiro ko mushaka kuyihindura baranse abantu bose guhera kubakuru ba opposition na bamenyesha makuru aba hinga na commite international ubu rero bagire bayihe abashigamateka bavyanse bace bashira abanyagihungu bo bintazi uuu reka ubu baraciye ubwege navyo bazokwemera

  • Vyanka bikunda ndatwAra ikiringo cagatatu ncanke ndabica gushika kuwanyuma haaahiioohoooooo .umviriza kuri rpa Ntanyingu ivyo yavuze .mukiganiro Abaduserukira .jewe savye umurundi wese kugurura amaso

  • abagomba gutakazibibanza baratumutwe murayamatora nabagomba kwiyongeza amategeko atabibarekurira ndavuga petero reka turindire nibamenyere kubaho bidaciye gutwara nabandi barabayeho

  • JEWE ICO MBONA,IYO REFERENDUM NTIKENEWE.

    ABASHINGAMATEKA TWABATOYE TUBIZIGIYE.

    IRYO BWIRIZWA NIRIGUME HIYO I BUJUMBURA,ABASHINGAMATEKA BARYEMEZE CANKE BARIHAKANE.

    KUBERA KO ABO BASHINGAMATEKA TWABATOYE TUBIZEYE,
    TURABARINDIRIYE RERO BAZE BATUBWIRE KO BARYEMEJE CANKE KO BARIHAKANYE,BONGERE BADUSIGURIRE IGITUMA BABIHISEMWO,.

    P
    XE

  • Nduwimana ntiyibaze ko abanyagihugu basinziriye nkuko benshi bavuga ngo imbwa zirakuga abahita bakigendera!Abarundi bari maso kandi turazi ko gutwara mu ntwaro rusangi ata mukuru w’ igihugu arekuriwe mandats zirenga zibiri na ho aba yavukanye imbuto! Abategura ayo ihindagurika ry’ ibwirizwa shingiro baze bemange inkurikizi y’ avyo, bamenye kandi ko akataretse kaba gasema!!!!!

  • Nkurunziza we , ubwo wiravye ubona ko ariwewe na Edward arimwe gusa,nimuhereze abandi batware.Mate

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.