IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yemeje ko yahunze Uburundi

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yemeje ko yahunze Uburundi

jeudi 25 Ruheshi 2015

Kuva bitanguye kuvugwa ko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yoba yahunze igihugu, ubu ntibikiri ibanga. Abicishije ku mboneshakure y’abafaransa France 24, Gervais Rufyikiri aremeza ko atagishoboye gushigikira umukuru w’igihugu mu kurongora abanyagihugu biciye inyuma y’amategeko.

Mu kiganiro yahaye imboneshakure y’abafaransa mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruheshi, Gervais Rufyikiri yavuze ko yahunze igihugu kuko atagishoboye gushigikira icipfuzo c’umukuru w’igihugu co gutwara igihugu ahonyanze amategeko.

Gervais Rufyikiri amenyesha ko kuva umukuru w’igihugu amenyesheje ko azokwitoreza kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu avuga ko kitubahirije ibwirizwa nshingiro, haciye hatangura kwibonekeza umutekano muke.

Ku bwa Gervais Rufyikiri, umukuru w’igihugu yahanuwe n’abantu batandukanye kugira ntiyitoreze ikiringo ca gatatu ,muri abo harimwo, abarongozi b’amadini, abakuru b’imigambwe, abari mu mashiarahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hamwe n’amakungu. Gervais Rufyikiri agasaba ko umukuru w’igihugu yovuga mu maguru masha ko atakiri mu bazokwitoza kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.

Mwomenya ko abandi bahoze bakomeye mu mugambwe CNDD-FDD bamaze guhunga igihugu, aha twovuga uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umuvugizi w’umugambwe, umukuru w’abakenyererarugamba ba CNDD FDD, bamwe mu bashingamateka n’abandi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ababipfa N’ababisangiye.Abanyagihugu Turira Amahoro!

  • Urumugabo Pe Nkurunziza Yomenya Ko Nabahunze Ataruko Baribabayeho Nabi Yoheba Kuko Wanka Bangwe Ntiwanka Zana Ndabe Rupfikiri Urinyangamugayo

  • EMWE UWABIRINDIRIYE AZOBINA NAWEKANDI NON TWEHO TURINDIRIYE IKI?

  • mwomenyera nya nyamitwe yabimenya?nasubire abeshe twumve!mugabo nyamitwe wewe umusi yohunga namba azoronka iyo ahungira azovuga ayamuhe mugandabona ikibanza kimubereye bena shebuja ari lahe.

  • mana tabara uburundi none uwo mugabo niho akibona ingorane ziri muburundi none muramuhebeye yidagandure ntakundi mweho nuko mwaronse iyo mujana none natwe abanyagihugu muraduhevye

  • mana tabara uburundi none uwo mugabo niho akibona ingorane ziri muburundi none muramuhebeye yidagandure ntakundi mweho nuko mwaronse iyo mujana none natwe abanyagihugu muraduhevye

  • NIWIRE MUTAMA WEWE KUVA UJA KUBUTEGETSI NTAMAJAMBO YAGACAMUGONGO YAKUVAMWO WAMYE WEREKANA KURINTWARI NONE GAYEMWE PITA ASIGAYE KUKI?? MUTAMA NKURUNZIZA ISOKORERE VUBA URABONAKWATAYINDINZIRA KANDUBWENGE URABUFIS REKA KWIGIRA GUGU NONE UBONUSIGAYE KUKI?? NONE UWO NAWE NUMUTUTSI? NYAMITWE NYISHURA WEWE NTUBONA KO UZOHAVA UMERANKAYANYONDWI SUBIRUDUHENDUBUNAHO TWUMVE WIGRA NGURI NYAMITWE VUGATWUMVE! NKURUNZIZA NIGIRAMAREMBE NTAGOMBE KWIKORERAMAHANO ATAZITURA NABANDI BARIMUNZIRA KANDI IMANIGOMBA GUCIRINZIRANIWIRE MUTAMA WEWE KUVA UJA KUBUTEGETSI NTAMAJAMBO YAGACAMUGONGO YAKUVAMWO WAMYE WEREKANA KURINTWARI NONE GAYEMWE PITA ASIGAYE KUKI?? MUTAMA NKURUNZIZA ISOKORERE VUBA URABONAKWATAYINDINZIRA KANDUBWENGE URABUFIS REKA KWIGIRA GUGU NONE UBONUSIGAYE KUKI?? NONE UWO NAWE NUMUTUTSI? NYAMITWE NYISHURA WEWE NTUBONA KO UZOHAVA UMERANKAYANYONDWI SUBIRUDUHENDUBUNAHO TWUMVE WIGRA NGURI NYAMITWE VUGATWUMVE! NKURUNZIZA NIGIRAMAREMBE NTAGOMBE KWIKORERAMAHANO ATAZITURA NABANDI BARIMUNZIRA KANDI IMANIGOMBA GUCIRINZIRABARUNDI

  • Ahaaaaa! Ngaho intumva ibwirwa n’ukw’amaso atukuye none ubu naho baravuga ko bamurungitse muri mission y’akazi? Guhera kuri prezida gushika k’ubantu 50 baza imbere mumugambwe bazoja irahe nezaneza,hama izombonerakure ubusho nibwaba buke, bazobaduhe tubafungire mumazu tubamwo kuko bishe benshi cane gusa ntahatari inyishu,uyu nawe sicegera ciwe? Abantu bakiri inyuma yiwe nabone barazazanze none sumwanya yataye?narindire umudamu wiwe nawe amuhunge niho azobona ko vyanse gose. Emera uwutsinzwe ntibatsindako mugabo wewe asha sinzi ico ntavuze umutima wawe urakikubwira!

  • IMANA NIMUKOREREMWO KUGIRA ASASAGAZE UMUTEKONO YARI YARAGWANIYE

  • ahaaa ivyuburundi biragoye pe willy yari yahakanyeko rufyikiri atari yahunze ko yagiye murugendo rwakazi noneho aramuvuguruje ko yahunze burya ntibabonako ikiringo cagatatu ko gihonyanga amategeko nibarabeneze nabandi bomuri cndd fdd bazokwihungira

  • WEWE MUTAMA URIYAMBITSAGASHAMBARA NIWISOKORERE UBAREKE RUBUZURIKO MUTAMA URIMCAMBWE PE!! ARIKOGAYEMWE UMUNTU TUZI NKA.PITA AHENDWE NKUMWANA UBU KWERI NTABONA KO YAHENZWE! EWE PITA NZOBAMBONA EDUALE NYABENDA BUNYONI ADOLOPHE NYAMITWE BARAGUHENDA KANDUTARAVYE NEZA MURABONYENE DANGEL

  • imana yonyene niyo izodutabara

  • Noneganyamitwe Aho Uzosubiragusimbirakwiradiyo Uhendabanyagihugunamakungu? Ntubonakowikuyeko Ubushingantahe? Nimba Atarubugabo Emwe Imitweyawe Yaguheranye.

  • Que la volonté de l’Éternel soit faite!

  • Emw izina niryo muntu rufyikiri yatunz aravuy mur reta reka aveyo hotel tropitel ntiyubakishij.erega namanda yiw yarihez uwomwiga yomutor usanga mur bary bashaka gukubita kudeta yarabashigikiy abanyagihug baratubesha habavy bifatir indeg mana dufash

  • Heeee!!!! numutekano kamaze kubigragara nn ubunaho baravugiki?niyemere ntakund adye ivyoyaronde atekanyanye.niyitegurire kubana,na Buyoya cenke na Domisiyano.hamw na Ntibantanganya.nabonyene nabashingantahe, niyabanaho.aziko zambonerakure ziw zamukoresha amakosa harico aziziko irahe nzomuzanira ibiharage.nkurunziza weee ntakundi niwihanane.ntawuharira nuwumuha

  • None abobategetsi batubwira ko hari amahro kandi tuguma tubona abahunga mwarabonye uwuhunga amahro iyo reta irakwiye guhindura kuko izobazwa vyishi umutwe umwe wicishe abantu ibihumbi ikebuke ikebuke,ugutwi kwi mpene kumva koke.

  • Icegera cumukuru w’Igihugu azogaruka je vous rassure. Uwo mwabonye kuri France24 siwe. Ni Niyombare

  • bantu muharanira gutwara abandi ndabasaba gusab,ubwenge Imana ubwambere niho muzoyoborana ituze mwibuke umwami salom?abashaka muvyumve

  • bantu muharanira gutwara abandi ndabasaba gusab,ubwenge Imana ubwambere niho muzoyoborana ituze mwibuke umwami salom?abashaka muvyumve

  • Ahorero nihamwe baca umuganingo umugabo aganya agaramye aho kiramwuzurirako nkuru nabone koahaye avomera murukangaga none nyamitwe ntamwizigiye narabire kuvyo yariyabeshe abarundi namakungungo rufyikiri ntiyahunze yagiye muvyakazi none ubu nibamubaza iritanganzo dyagiye ahabona ntamaramara ?? Mwebwe mwiyemeje guhemuka ) ehee ntagitangaje ayomazina yaba petero yamye ahemuka kuvakera mwibukeko no kuri YESU idyozini dyamwihakanye rero kwayomazina ntagitangaje kirimwo kwihakana sivyo bigishwa uwuranvye azobona

  • mumbarize nyamitwe aho nyakubahwa rufyikiri ari?ntabonako kwariko araduta murudubi twebwe abagumyabanga izina bamuhaye ntirimukwiye iyo bamwita willy ntamutwe birateye isoni kuwuvugira umukuru wigihugu yoba umunyabinyoma turiko dukurikira ubwije

  • Umugore wiwe nawe tugiye kumva nawe yamuhunze!!!namabanga kweri aha nyene bavuye mwishamba bapanga ngo bazotwara uburundi imyaka n’imyaka nka KAGAME,na MUGABE,canke nka MUSEVENI,abarundi barababaye ica mugabo ntuzotumara,hapfa 10 hakavuka 100,NKURUNZIZA ikiziga cawe kizobururwa n’imodoka tugitambira dukivyinira nka KADAFI rindira.

  • ntiyikurire amarembe ntavemwo ahasiga agatwe kuk uburundi bugeze ahatemba ndamushigikiye ntiyihungire

  • Aba dd subire mubuze ba Adolphe nibindi bimwenyi guhenda Nkuru kandi muzi ko adakomeye mu mutwe.Erega bibaye prouve ko arwaye ntazoja I lahe niko bihakwa kugenda...!!!

  • Nibarabe bongere bumve hanyuma babandanye bahamagarira abanyeshure ba kaminuza aribo Rumuri rumurikira igihugu kuja ku bikorwa nabo bariko barahahunga.None arindiriye iki kandi yumva azohava asigara wenyene?Erega azohava asanga asigaye ari nyamwigenda atarimira impeshi!!

  • uwo numugabo kuko yanse ko imana izomubaza amaraso yabarundi.murakoze

  • None wombwira kwabo ba tegetsi bose bahunga banka mandat ya 3 ya NKURUNZIZA yuko atakuri bafise? Imana ifashuburundi pe!baurundi, twiyumvire kazoza kacu biracashoboka

  • Emwe nta gisigaye amasezerano y’IMANA ku burundi arashitse ni mutunganye ubugingo ab’imitima ibiri nimwiyeze imitima

  • Mwese mureke kuvuga ivyo mutazi,abo ni abashatse gukubita coup d’état irabapfana,ivyo bahunga ni ivyo,iyi myaka cumi yose bari barindiriye iki ngo bahunge,nibagende ibigarasha vyose vyo muri cnddfdd biriko birikuramwo,ivyo bihe icigwa aba dd,nimuhe ama postes abantu mwagoranywe mu gihugu kandi baruzuye,ivyo bigugu vyabaye i bulaya mubireke,ikete uyo muhimbiri yanditse rirababaje,ahimvye ntacoyimena ariko izohoka,yitonesha kwa louis michel mbega yibaza iki?Yibazako ariwe azomujana i bujumbura kumutereka ku ntebe y’igihugu?Ihi bambewe niyitonde yibagiye icari imbere y’ababiligi,ahubwo imana irakunda abayo kuba irya putsh yarapfuye,umuguruka wose uriko ugurukana n’umuyaga,bareke kubesha nta mutekano wabo wahungabanye,ariko ntaco ayo mahoteli basize il faut tout saisir muyakoreshe ivyo abanyagihugu bazokenera ntibashobora gutungira kuri système ngo bace baja kudusambura hanze,baja kuduta mu manga koba ari ikagayo ,niho amanyama yohera .Murihenda mwese amatora turayashaka kandi on va se donner tous les moyens abe,peter nawe uwanka yangare tuzomugwako,mwihende mumukoreko tubamese murakitwara agatwe;

  • arega yarasigaye ari ikimenabanga ntiyarakiri umugumyanga,ntimwibuka ko bari bamufuse munama nkuru y’inararibonye!!arega niwe yasohoye gwagwandiko ba onesime azi kwariwe baca bashirimbere.nateshwate uwo mugumwabondo

  • Yabinye atamwanya umeze njuwo yarifise yorose nyima yayanatora atireka nigire sineneye juzobumuntasanzwe. Mbandababwiye uwapanzwe kuzobicegera cakabiri cumujuru w’igihugu arikoreka mbendaretse.

  • ewe fidelite ntaho utaniye na bene nyoko sha nibaza ko utabona ko ibintu vyuburundi bigoye eka ntabwenge ugira kweli.

  • Sha abari kirumara mumugambwe CNDD/FDD bose bincabwenge kandi babahanuzi atari abatesha murudubi ko bose bafashe inzira yo kwikunkumura umukuru wigihugu mubona bigiye gutera bijahehe muruwo mugambwe yarakwiye kuraba agatanga imihoho akabisa abandi bagabo nabo bakagerageza igituma abo bari bacuditse bata bagahunga nukwo bahanuye bikananirana kandi umuntu iyo umuhanuye bikanka uraheza ukamuhunga bravo kurabo bose bakunda igihugu.

  • jewe ikintangaza abarundi turi babandi bokuva 1972 cankwe nabandi ubu niho mucumva umuntu yahunze? vyo tubabaza gose twumvise ko ya pfuye twebwe twahunga amasoro ari inyuma dufise intekera kumutwe nabana mumugongo none nawe yashitse mugasenyi abazanza yinywera agafanta imbere yuko yijabukira mu rwanda thank, you god is good niyigire ikigali imana yamujanye amaho niyo izomugarura nayandi numurundi mwene wacu tuzomwakiriza yompi.

  • mbega umugabo!!ndaryohew cyan ese hoboneka uwundi mubasigay mubegerey pierre nkurunziza akemanga ko atamushigikiy!akaba aramaramara!

  • Abonye mandat iheze atazosubira kuronka aca ariruka....kazima tropitel yasize ayubatse.
    Mbega iyi université UPG yoyo ntabona ko yari président wa CA nkubu arabitaye aragiye mana yanje....
    nagende tuzosigara turayikurikirana ariko iyaba uwundi aba yagiye kera atabanje gukama beneburundi.

  • Haracari ibigugu vyinshi muburundi kweli ngaho muracandika mutuka abahunga? muzobaheza ryari konabandi benshi bagihunga? ibi narindavyiteze nibaza ko na Pita azohunga muga ubu ntagihunze satani yamaze kumuha inkomezi azomuvako amugejeje imbere ya sentare mpuzamakungu.

  • @Julias nihondi, Rufyikiri ntari i Kigali ari muri Belgique.
    Merci.

  • tous zoo mais ça na nta nda ikoroka hutu tutsi qui sont contre au 3è M.soyons courageux

  • Emwe Ndatangayepe!!! Imbonerakurezozo. Z’izosigara,zirawutambazonyene Kk Ubuziratanguyekubonako Abarikumasonga babahezeko!!Ese Ubunyamitwe Azosubirakutesha?Yamyakuwe Uzopfatu,nabomuhuzabose

  • Kubwiyo Nkuru Hasigaye Ko Imana Ikora Ivyoyo Si Non Igihugu Cacu Kirasubiye Mukajagari Ariko Ngo Kananirabagabo Ntiyimye Kandi Agasozi Kintahanurwa Kahiye Abagabo Barorera Nakare Bavuga Ngo Umutwe Umwe Ntiwigira Inama .Ikibwirwa Nicumva Nicerekwa Nikibona.Mana Turakwinginze Uyumugabo Ahinduke Turonke Amahoro..Oooh God!!

  • WAMUYAGAWE KOMEZA
    UHUHE UMUGURUKA UTU
    MUKE WOSE HASIGARE U
    MUCELI WONYINE,UBUNDI
    NTA MUGABO UHUNGURU
    GO RWE IBIBAZO BIBA BY
    AMUMENYUMUTWE,JE NDA
    BABAZWA NUMUNYEGIHU
    GU WA MAZE KUMERANKI
    GIKOROPESHO CYABANYE
    POLITIKI KUGEZA NAHO
    AZA.AKAGUSHUKA NGO
    FUNGA INZU YAWE UHUN
    GE IGIHUGU CYAWE.UKEM
    ERA!J MBYITAKO ARINJIJ
    I,ZISHUKANA NGAHITA NI
    BAZA NTI ESE WOWE UME
    ZE GUTYO WIYITA IKI?ICY
    AKORA WISUBIZE NUBA U
    FITE UGUTEKEREZA MURI
    WOWE,NJE NKUVUZEHO,
    WASEBA,ESE RWASAWE!
    BT BY W? WOWENTAKIND
    UZI.ATARI KUGIRINAMAM
    BI UGUTEZE AMATWI WA
    RANGIZA UKAMWOHEREZ
    A IMBERE YAGERAMO MU
    BYO UMUBWIYE UGAHITU
    NGA IGIHUGU,MUNYEGIHU
    GU.CYANECYANE MUBAH
    UNZE NI WISUBIREHO,WIT
    ANDUKANYE NABO BANY
    EPOLITIKI BABI BAKWOSH
    A NGO HUNGA IGIHUGU K
    UBWINYUNGU ZABO, NKU
    MUGORE UFITE UMUGABO
    WUMUNYEPOLITIKI NIWE U
    HARENGANIRA, ARIJEWE
    NAFATA INGAMBA NKAV
    UGANIRA BENUWO MUGO
    RE KUKO HAGATI MUMIBA
    NIRE YABO HARIKIBAZO,
    IKINDI UMUCELI UGUME M
    UBURUNDI. UMUGURUKA
    WOSE UHUNGE WOSE KAN
    DI,IMITWE MUJA GUTEKER
    A HANZE YIGIHUGU IZAB
    APFANA,SHETANIWANYU
    NIF

  • Hamaze guhunga abo batware umunyahuhu we arindiye iki?

  • Kwigarura Nivyiza Muga Gucererwa Namakosa Akomeye.

  • ahubwo na tw tworonka iyo tuja twogenda ark umenga ntitubibona.mana duhe gushishoza uducir inzir nk uk wabigiriy israël.

  • ahubwo na tw tworonka iyo tuja twogenda ark umenga ntitubibona.mana duhe gushishoza uducir inzir nk uk wabigiriy israël.

  • Kuthunze hakri kar ubu mandat ihze niho muboney ho guhnga?mwse muri bamw mupfivycaro ati kumbre ahvuy nij nohja.abapoliticiye muri nk’abana iyo bahjeje gufngura ivyo bivy,hanyu bafashw:hakavamw’ umw1:ati ehee!jw sinarimwo.ntimube ba ndoriyobija.

  • ICONIYUNVIRANUKO.PETA.ATOKWITOZA.KUMANDA.YAGATATU

  • Hahunga Abafise Ico Bahungana Nk-uyo Ubwo Ni Ubwenge Bwogucikana Udushimwe Twigihugu Gusa.

  • Imana ishobora vyose nitugarukire nyakubahwa umukuru wigihugu ntarenge kumasezerano yi Arusha ataruko naho azobibazwa intahe niyafata ijambo

  • MUNGU ATUBALIKIYE,kuko nah’Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.