Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino
Igice ca nyuma ca Play-off muri Basketball kiregereje
Yanditswe taliki ya 19-12-2012 - isaha 07:54'

Nkuko bisanzwe biri uko umwaka utashe ishirahamwe ry´umupira w´amaboko ryo mu Burundi [ASBAB]riratunganya amahiganwa bise play-off,uno mwaka iryo higanwa rikaba ryitabwe n´imigwi:New-star,Urunani,Kern,Muzinga,Dynamo na Mutanga united kuruhande rw abagabo hamwe n´imigwi ya Les gazelles,Les copines,Berco stars … kuruhande rw,abakenyezi.

Muriyo migwi yose iyashoboye kugera mugice canyuma akaba ari Berco star izokina na Les gazelles kuruhande rw´abakenyezi hamwe n’umugwi ya Kern uzohura n’umugwi w’Urunani . Twarashoboye kuganira n’umwe mu bakinyi b´umugwi wa kern,kubwiwe ngo arafise icizere kinini ko bazotahukana intsinzi muri ayo mahiganwa ngo kuko baravyiteguriye bimwe bishemeye.

Akamenyesha kandi ko uko vyogenda kwose we na bagenzibe bazokora uko bashoboye kose kugira berekane umupira mwiza kubazoba baje kurorera izo nkino no kubashigikira.

izo nkino zose atagihinduste zikaba ziteguwe kuba ku ma genekerezo ya 23 na 29 kigarama uno mwaka turimwo.

Ivyiyumviro vyanyu

Nta Kern yashitse mu gice ca nyuma ca Play off.Nta gice ca nyuma ca Play - off cabaye kuko imigwi yari gutegerezwa guhiganirwa ico gikombe yari kuba New Star n’Urunani. Umugwi wa New Star wahawe impaga kuko utashoboye gukina urukino rwari kuwuhuza n’Urunani, ubwo rero urunani ruca rutahana igikombe ca play - off bitarugoye. Izo nkino ziriko ziraba siza play - off nibaza ko ari ukubaza neza muri ACBAB ibijanye n’izo nkino kuko ntavyo twari tumenyereye kanatsinda si na tournoi. Nibaza ko zifise izindi nsiguro zoba zijanye nokwiregura imbere yabarorerezi y’ivyashitse vyatumye izo nkino zanyuma hagati y’imigwi URUNANI na NEW STAR zitaba.

3.01.2013 à 09:18
Makuta

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.