Accueil > Amakuru > u Burundi > IGIHE : Intambwe ikinyamakuru kigezeko irashimwa n’abakirongoye mu (...)
IGIHE : Intambwe ikinyamakuru kigezeko irashimwa n’abakirongoye mu Burundi
mardi 24 Nyakanga 2013
Inyuma yaho ikinyamakuru IGIHE gitowe kuja mu binyamakuru vya mbere bisomwa cane mu Burundi na Canalbusinesslife.com, uwurongoye ico kinyamakuru mu Burundi yagize ico avuga.
Ku bwa Jean de Dieu Munyembabazi, umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE mu Burundi, avuga ko kubona ikinyamakuru IGIHE kimaze igihe gito gitanguye mu gihugu c’Uburundi ariko kikaja mu binyamakuru vya mbere bisomwa cane biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, ari ikintu ciza, kandi ivyo bigaca bibaha inguvu z’ugukora cane, kugira mu minsi iri imbere baze baje ku rutonde rwa mbere mu binyamakuru bisomwa cane.

Abandanya avuga ko, ubu abarundi bariko barakunda gusoma amakuru mu rurimi rwabo, na cane cane ko bari bamenyereye ko amakuru menshi aca ku buhinga ngurukanabumenyi aba ari mu rurimi rw’igifaransa gusa. Avuga ko intumbero y’ikinyamakuru IGIHE , ari ugutanga amakuru mu buryo bunyaruka kandi bworoshe, hamwe n’ugukundisha ikirundi abarundi. Ihangiro nyamukuru ry’ikinyamakuru IGIHE mu Burundi , avuga ko ari ugutanga amakuru biciye mu buhinga bwa none ( Technologie de l’Information et de la Communication TIC) mu banyagihugu babarundi, mu gufasha abasomyi kuronka amakuru ku buhinga bunyarutse kandi yizewe. Intumbero y’ikinyamakuru kandi, ikaba ari ukuba ikigo c’ukumenyeshamakuru gikomeye kandi cizewe mu Burundi.
Yabandanije atumenyesha ko ubu bipfuza gukora ku buryo bagira
umumenyeshamakuru wa IGIHE mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi, ndetse no mu makungu. Ikindi naco ni ukwo abarongoye IGIHE mu burundi bipfuza gukorana n’ubushikiranganji bwose, ndetse n’ibindi bisata bitandukanye vyo mu Burundi, mu ntumbero yo guha amakuru abanyagihugu yose, kandi ku mwanya ku mwanya.
Umuyobozi wa IGIHE mu Burundi akaba yarangije avuze ko mu minsi iza, bafise imigambi yo kwugurura Imboneshakure ya IGIHE, iyo nayo ikazoshobora gutanga amakuru biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, ikazoba ishobora kubonwa n’abanyagihugu bo mu karere duherereyemwo nka Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Uburundi, Urwanda, Uganda, Kenya na Tanzaniya.

Nayo Egide Nduwimana asanzwe ari umuyobozi w’igisata c’ukumenyeshamakuru muri IGIHE, avuga ko kuba barashoboye kuja kuri urwo rutonde babikesha abamenyeshamakuru bose muri Rusangi, kuko ukwitanga kwabo arikwo kwatumye IGIHE kija muri ivyo binyamakuru vya mbere bisomwa cane mu Burundi. Nawe nyene akaba yavuze ko mu minsi hagiye kurwizwa abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo kurwiza amakuru ku mwanya ku mwanya, kandi yizewe, na cane cane mu gukurikiza ihangiro ry’ikinyamakuru :« Informer sans déformer ».
Aristide Nizigire
Messages
18 Mukakaro 2016, 16:03, par Ndizeye paul
Amakuru