IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Misiri irabandanya gukomeza imigenderanire n’Uburundi

Misiri irabandanya gukomeza imigenderanire n’Uburundi

lundi 12 Nzero 2015

Ubushikiranganji bujejwe ivy’umutekano mu gihugu ca Misiri buripfuza gukorana cane n’Uburundi mu guhuza abahinga bo muri ivyo bihugu bibiri kugira bigire hamwe ivyokorwa mu gukomeza amahoro n’umutekano.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Nzero 2015, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Gervasi Rufyikiri yahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi, M.Yasser Ali Ragab Ali. Muri uwo mubonano bakaba bagarutse ku bikorwa vyo gufashanya hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Abo bategetsi babiri bakaba biyemeje gusubira kunagura ibindi bisata bitandukanye, cane cane muvy’uburimyi kuko igihugu ca Misiri gisanzwe gifise ubuhinga buhanitse bwo kugazura no kuvomera imirima, gukomeza igisata c’amagara y’abantu, ivy’inyubako, nk’uko vyamenyeshejwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Gervasi Rufyikiri.
Hari n’abagwizatunga bo mu gihugu ca Misiri biteguye kuzoza gutangura ibikorwa vyabo mu Burundi, mu gisata c’umuyangankuba uvuye ku mishwarara y’izuba.

Mukamenya ko bwari bubaye ubwa mbere icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yakira uwo aserukira igihugu ca Misiri mu Burundi kuva atanguye imirimo, kakaba kabaye n’akaryo ko guca amwipfuriza ikaze n’Umwaka mwiza.


Alida SABITEKA

Messages

  • nivyiza gose ari ya OBR IZOBAKORERA IBARA NAYA MA TAXE YAYO ABARUNDI MURONKE UBUZI MURARUSHE SI MWEBWE

  • Mwebwe turabashigikiye, kuko ibimorwa nkivyo bituma abenegihu baronkakazi OBR yacunayo ikaronka ahitoza AMA taxe bamwebadashaka kwigibugu giterimberenabo bagakomezakwivayo mugukomeza kwiyamiriza OBR.

  • KOMERA BATAMA TURABASHIGIKIYE,MUKOMEZE UBUMWE,DUTEZEZANYE IMBERE.IBIHUGU VYANYU BIFATANE MU NDA BIHANE N’ABAKOZI MU KAZI.MUGIRE UMUGISHA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.