Igiporisi kivuga ko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA atari mu biziga bibiri vyatowe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 août 2016 saa 10:25
Yasomwe : 43551
0 0

Mu rukurikirane rw’amatohoza kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko imyidondoro (identification) y’ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi yabaye, kandi ko basanze uwo mumenyeshamakuru atarimwo muri ivyo biziga.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza kuri abo bantu bishwe bagatabwa mu ruzi Mubarazi abandanya akorwa na sentare y’i Muramvya, ahatowe ivyo biziga.
Abaporisi bo mu gisata (...)

Mu rukurikirane rw’amatohoza kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko imyidondoro (identification) y’ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi yabaye, kandi ko basanze uwo mumenyeshamakuru atarimwo muri ivyo biziga.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza kuri abo bantu bishwe bagatabwa mu ruzi Mubarazi abandanya akorwa na sentare y’i Muramvya, ahatowe ivyo biziga.

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka nibo bakuye mu ruzi Mubarazi ivyo biziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi, baca babitwara mu buruhukiro bw’ibitaro vya Muramvya.

Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe. Ikindi naco cari kiboshe amaboko, kandi kiboheweko akagunira k’amabuye.

Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo yazimanganiye i Bugarama haraheze indwi zitatu. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.


Kumenyekanisha

1
nkurunziza 19-08-2016 à 22:34

IMANA VYOSE IRABIBONA UWICISHINKOTA NAWE NIYINDI.

2
TOTO 19-08-2016 à 06:24

NONE UWO MUMENYESHAMAKURU ARI HEHE ??? KORA AMATOHOZA ABONEKE .?!

3
KABURA 18-08-2016 à 14:21

Ikibazo gisigaye n’iki : Ivyo biziga bibiri vyatowe basanze ari bande ? Leur identité ! Birakenewe kugira haboneke icemeza ko le journaliste Jean B. atapfuye !

4
kareem 16-08-2016 à 20:25

ee mwenyezi mungu 2unakuomba ulinzi wako kwani nchi yetu imekosa mwelekeo ee mola hakika nafasi iliyobaki ni yakwako amin.

5
JONAS 15-08-2016 à 15:04

ICO MVUGA N,ICO IVYO BIZIGA VYARISHWE

6
Manirampa .Appolinaire 14-08-2016 à 21:32

jewe birambabaza kunva hari biziga biguma bitogwa ntihagire uwumenya ukuntu bishwe ,savye igiporis kigiringuvu kimenye ingene bishwe kimwe numumenyesha makuru jaen bigirimana .Iyo bamunyuruje.

7
Musani 14-08-2016 à 11:40

Mana Bohor Igihug Caw Kk Birarenze

8
Nyambwa 13-08-2016 à 16:41

Mukama dutabare ! Hasigaye ahawe. Ataruko turahonye.

9
Saïdi Anicet 13-08-2016 à 16:13

Sanga Igipolisi Cemeza Ko Atarimwo.Ni Cerekane Aho Ari,ivyo Vyo Nugusamaza Amakungu.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha