IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rudafise ubuzi ruri mubizofashwa mu migambi ya Leta

Urwaruka rudafise ubuzi ruri mubizofashwa mu migambi ya Leta

mardi 29 Gitugutu 2013

Uwuserukira ntayegayezwa igihugu c’Ubuswise mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akaba anaserukira Uburundi mu mugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu wo gutsimbataza amahoro, Paul Seger yamenyesheje ko amafaranga agera ku miriyoni 14 z’amafaranga y’abanyamerika ariyo ategekanijwe gutangwa n’umurwi arongoye wo gutsimbataza amahoro kugira afashe mu migambi yo kuronderera akazi urwaruka.

Paul Seger asanzwe ari i Bujumbura mu nama igira kabiri y’abafasha Uburundi, inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko baganiriye ku shirwa mu ngiro ry’ivyo abafasha Uburundi biyemeje mu nama yabereye i Génève mu mwaka w’2012.

Mu kiringo c’imyaka itatu ubutegetsi busigaje, Paul Serger yamenyesheje ko umurwi wo gutsimbataza amahoro mu Burundi wategekanijwe imiriyoni 14 z’amafaranga y’abanyamerika azokoreshwa mu mugambi wo gukundisha igihugu, hamwe no mu migambi yo kuronderera ubuzi urwaruka rutabufise. Nk’uko Paul Seger yabimenyesheje, ayo mafaranga akazofasha kandi gutegura amatora kugira abere ku mugaragaro, mu bwigenge kandi yizewe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.